Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 10 nzero 2018

10/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 10 nzero 2018

• Umurwi ujejwe gutegura amatora CENI urafise ububasha bwo guhana amakosa mu gihe akorwa mu biringo bitandukanye bijanye n’itora iri canke ririya . Nkuko biri mw’itegeko rigenga amatora uwiyamamaje hataragera ahanishwa ihadabu iri hagati y’ibihumbi amajana 8 n’imiliyoni 4 z’amafaranga y’amarundi .Ni mugihe bamwe mu ntumwa za reta bigisha gutora ego mu gihe babagiye kwerekana ivyahinduwe mwibwirizwa nshingiro . Mu murwi ceni bakavuga ko atabubasha bafise kuri reta kugira abayotumye bisunge amategeko

• umugwi ujejwe gutegura amatora mugisagara ca bujumbura Cepi washizeho abajejwe amatora mumakomine 3 agize ico gisagara ca bujumbura Ceci.burikomine yose ifise abo bagize ceci batanu nukuvuga muri mairie ya bujumbura bose hamwe ni 15 ; kuko biboneka kubatowe bava mumirwi itandukanye hisunzwe ubwoko n’igitsina nkuko vyemezwa na Térence Bizimana arongoye Cepi mu gisagara ca bujumbura. Muma dossier agera kuma 534 yakiriwe abatowe bava mumugambwe uri kubutegetsi cnnd-fdd ,umugambwe uprona, urunani amizero y’abarundi abandi bari muriyo mirwi mumakomine ya mukaza ntahangwa na muha bava mumuryango wab’ islamu mu burundi comibu , ishirahamwe izere ntiwihebure ishirahamwe owadam hamwe rero n’ishirahamwe casafu. Térence bizimana arongoye cepi mu gisagara ca bujumbura akaba amenyeshako abatashimye bashobora kwitura uwo murwi gushika kuwa 13 kuno kwezi.

• Haribonekeza ubukene bw’ibitabo bikoreshwa mu mwaka wa 2 w’inyuma y’ishure shingiro. Bamwe mu banyeshure bo mugisagara ca bujumbura bayaze n’amakuru y’iwacu bavuga ko bishobora kuzotuma biga gihutihuti. Iciyumviro basangiye n’abigisha babo. Ivyo bikaba vyatumye baca baba barasubirishamwo abanyeshure ivyo bize mu gice ca mbere. Bagasaba bose ababijejwe kubaronsa ivyo bitabo.

• Ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta olucome, ribona ko umwimbu utazoduga uyu mwaka wa 2018.Uwurongoye iryo shirahamwe, Gabriel Rufyiri agasigura ko ata buryo leta yategekanije gushira mu bisata bifasha kuduza ubutunzi mw’itegeko rigenga amahera azokoreshwa na leta mu mwaka wi 2018. Ishirahamwe olucome rigasaba ko ivyo bisata vyoshigwa imbere kugire abanyagihugu bave mu bukene barimwo

• abunguruza abantu kuma pikipiki hamwe namamodoka baridogera abajejwe intwaro muri komine rugombo intara ya cibitoke ko bariko babarihisha amahera batabwiwe ico bayarihira.abo bashoferi bemezako batozwa amahera ari hagati yibihumbi 5000 n’ibihumbi 20000 ayo mahera akegeranywa n’abarongoye imitumba.basaba ko iyo ngingo yohagarara canke ngo bayisigurigwe ngo kuko hari ayo bahora barihishwa buri musi.uyu numwe murabà bunguruza abantu aho murugombo.Musitanteri wa komine rugombo béatrice kaderi ntahakana ko hari amahera ariko aratozwa abo bunguruza abantu.we yemezako nko kubunguruza abantu kwipikipiki amahera yagabanutse ngo kuko ubu batangishwa ibihumbi 5000 bahora batangishwa 6.kubivugwa ko ayo barihishwa batazi iyaja.Beatrice kaderi amenyeshako bavyirengagiza babizi ngo uko ari ayigitansi basanzwe bariha buri mwaka.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.