Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 9 NTWARANTE 2018

09/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 9 NTWARANTE 2018

• Hari umugabo azwi kw’izina rya Evariste Minani apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi i ngozi yagirizwa gushurashuza abana biwe 4. Nkuko vyemezwa na Musitanteri wa Commune Mwumba Emmanuel Ndayizeye, uyo mugabo asanzwe yarapfakaye aba ku musozi Gitwa muri zone Gatsinda ngo yafashwe mw’ijoro ryo kuruyu wa 4. Uwo musitanteri akemezako uyo mugabo Evariste Minani yafashe umukobwa wiwe w’imyaka 18 amugira umugore wiwe baravyarana n’umwana. Ubu akaba yahagaritswe amaze gushurashuza kunguvu utundi twana twiwe 3 kamwe kakaba kahavuye kitaba Imana. Emmanuel Ndayizeye Musitanteri wa commune Mwumba agasaba umushikirizamanza kizigenza wa Républika ko uwo mugabo yocirirwa urubanza rw’ikibiriraho.

• Barakamfitiye Elias atwara abayoboke bumushingamateka Agathon Rwasa kumutumba wa MUKERWA muri komine busoni intara ya kirundo ngo yarakubiswe arashaya n’urwaruka bivugwako ari imbonerakure zo kuruyo mutumba. Amakuru dukura aho ibusoni akavugako yafashwe igihe mugenziwe azwi kwizina rya Bimenyimana jean Nepomuseni yari yamuzaniye kurugo iwe imbuto zibigori. Imbonerakure zica zirabafata Bose uko ari babiri zibajana kubakubitira mw’itongo ry’abapfuye. Amakuru dukura aho Ngo babahora ko bariko baravugana ko bazotora « oya ». ! uyo Nepomcene yaheruka kurekurwa ku musi wa mbere aho yari amaze imisi afunzwe azira ko yanse guterera amahera yo kwubaka ingoro y’umugambwe cndd fdd kumutumba avukako. Amakuru avaho kandi akemezako ubu Elias Barakamfitiye amagara yiwe yifashe nabi kandiko nikinga ryiwe izo mbonerakure zagiye ziritwaye.

• umukuru wa quartier magarama mu gisagara ca gitega yakuwe mumabanga yo kurongora iyo quartier kuva kuruno wa gatanu.nkuko biboneka kwikete yandikiwe na musitanteri wa komine gitega valentin Nahimana, yohani ngenda yagirijwe kuba akorana n’abakorira inzoga zitemewwe boissons prohibées mu gifaransa, kudakorana n’amakomite ajejwe umutekano nukwo rero adatanga rapport kubamukurira.amakuru dukura igitega akatumenyeshako jean ngenda yaramaze imyaka mirongo itatu atwara quartier magarama

• Sentare y’intara ya Muramvya yaciriye gupfungwa imyaka 10 hamwe no gutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 200 umwumwe abakozi 3 b’ishirahawmwe Parcem bakorera muriyo ntara. Iyo ngingo ikaba yasohotse kuruyu wa 4 nkuko amakuru dufise avyemeza. Mw’ishirahamwe Parcem ho bavugako iyo sentare itarabamenyesha iyo ngingo .Bakavugako batangaye kuko bari bamenyeshejweko urwo rubanza ruzosomwa kw’igenekerezo rya 12 kuno kwezi bitewe nuko umwe mubacamanza bafise iyo dossier yararwaye nkuko vyamenyeshejwe na Sentare.Abo bakozi 3 b’ishirahamwe Parcem bapfungiwe mw’ibohero rya Muramvya bagirizwako bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu.

• Hari abantu 2 bafunzwe bagirizwa gutera uruhagarara kw’ishule shingiro rya Buganda ya 1 ni mu ntara ya Cibitoke. Urwo ruhagarara rukaba rwari rwatewe nukwikeka kuba hashizwe uburozi mu mfungurwa z’abanyeshule. Umuyobozi w’iryo shule James Nirera akaba abeshuza ayo makuru . Yemeza ko hari abanyeshule bazifunguye zitaguye nabi. Uwo muyobozi akamenyesha ko ari umuntu yoba yifuza kunigira mu menshi umugambi wo kugaburira abana kw’ishule.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.