Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 8 NTWARANTE 2018

08/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 8 NTWARANTE 2018

Kuruy wa 4 n’umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Abakenyezi babarundikazi bakaba bifadikanaje nabandi bo mu makungu muguhimbaza uwo musi. Kurwego rw’igihugu ukaba wahimbarijwe muntara ya Kayanza. Ibirori bikaba vyari bishigikiwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi.

Kuruno musi wahariwe umukenyezi, uruganda rw’amakuru y’iwacu rwegereye abakenyezi birimizi bahano mugisagara ca Bujumbura batunzwe nukwikorera utwabo mugukora urudandazwa ruto ruto. Abo bakenyezi bemeza bahura n’ingorane zitandukanye mu rudandazwa kuko rutifashe neza. Basaba amashirahamwe yitaho abakenyezi kubashigikira cane cane mu kubaronsa umutahe.

• Hariho abakenyezi mu ntara ya Rumonge batunzwe nogusoroma ibizinu mw’ishamba ricimeza rya Rumonge. Abo bakenyezi bakaba babijana mu masoko kubigurisha. Basabako boshigikirwa bagashirwa mu mashirahamwe. Mu kigo OBPE cishinze gukinga ibidukikije barashima ko abo bakenyezi bafasha gukingira iryo shamba ricimeza. Bakaba bemezako bagiye kubafasha kuja mu mashirahamwe. Mu rumonge Félix Nzorubonanya.

• Ishirahamwe AFAB rihurikiyemwo abakenyezi bikorera utwabo rihamagarira abakenyezi ko boja hamwe bagakorera hamwe kugira ngo bashobore kwiteza imbere. Iryo shirahamwe rikemezako rirafasha abakenyezi bakora urudandazwa rutoruto mukubaha inyigisho zijanye n’amategeko . Immaculé Nsengiyumva umunyamabanga mukuru wiryo shirahamwe akemezako bafasha abakenyezi bose nabatari muriryo shirahamwe. Immaculé Nsengiyumva.

• Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro kugira ngo bashike kwiterambere rirama babonako Leta yarikwiye guteza imbere igisata c’uburimwi. Ivyo ngo nivyo vyotuma umukenyezi mw’irimizi atera imbere. Faustin Ndikumana avuga ko hakenewe gushigwaho ibanki canke ikigega cogushigikira umwirimizi n’ubuhinga bwisununuye bugakoreshwa mur’ico gisata c’uburimyi.

Ishirahamwe PARCEM ritera akamo abakenyezi bari mu bibanza bifata ingingo gufasha abakenyezi birimizi ngo bave mu bukene barimwo.

• Mw’ishirahamwe ry’abakenyezi b’abamenyeshamakuru bamenyesha ko umusi mukuru w’abakenyezi ushitse mu gihe ikibanza c’umukenyezi muruwo mwuga ari gito. Agnès Nindorera arongoye iryo shirahamwe akavuga ko haba mu makuru ashikirizwa co kimwe no mu barongoye abandi mu bimenyeshamakuru, hose ikibanza c’umukenyezi kidashimishije. Uwo arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi b’abamenyeshamakuru akavuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo umukenyezi n’umugabo baserukirwe ku rugero rumwe.

• Mw’ishirahamwe ry’abakenyezi bize amategeko AFJ, bavugako uyumusi ugeze hacibonekeza abakenyezi bakorerwa amabi murugo. Murayo mabi hakaba harimwo ko batabwa nabagabo babo abandi nabo ugasanga abagabo babo bagiye kurangurira imirimo kure yabo ntibasubire kubitah muvyubutunzi. Sonia Ndikumasabo arongoye iryo shirahamwe ahamagarira abakenyezi kumenya amategeko abagenga hamwe nuko bomenya gukora ibikorwa bibateza imbere ntibaze barazera gutungwa nuburyo bw’abagabo babo gusa.

• Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abonako hakiriho ukutangana hagati y’abakenyezi n’bagabo kw’isi yose. Antonio Guteress mw’itangazo yasohoye rijanye nuyu musi afatira ko kw’isi yose abakenyezi barenga umuliaridi badakingirwa n’amategeko mugihe bakubaguwe mungo zabo.

Anavugako kwisi yose hacibonekeza ubusumbane hagati y’abakenyezi nabagabomubijanye ningene bahemba mubuzi. Umunyamabanga mukuru wa ONU akavugako hari uburutane bugera kubice 20% mbere ngo ubwo busumbane buragera nokubice 40% muturere twuri mu misozi atari mubisagara. Nayo ngo igitigiri c’abakenyezi bakora ntibahembwe ntikizwi.Ikindi afatirako mukuvugako hari ukutangana hagati y’abagabo n’abakenyezi nuko ngo ibitigiri vy’abakenyezi bikiri hasi cane munzego z’igihugu. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akemezako ashigikiye cane umugambi wokutihanganira amai afatiye kugitsina akorerwa abakenyezi akanavugako ONU rishigikiye abakenyezi bari murugamba rwokurwanya akarenganyo bakorerwa. Kandi ONU ngo iriko irakorana n’ibihugu vyo kwisi kugirango hashobore kuranduranwa n’imizi amabi akorerwa abakenyezi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.