Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 7 MUNYONYO 2017

07/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 7 MUNYONYO 2017

• Abari mu biganiro hagati y’abarundi vyari bimaze imisi biriko birabera i Arusha ntibashoboye gutera umukono kumasezerano yivyo bumvikanye nkuko vyari bitegekanijwe. Umufasha w’umuhuza murivyo biganiro Benjamin Mkapa yabamenyeshejeko ayo maserano adashoboka kuko ngo ivyo abari murivyo biganiro batumvikanyeko arivyinshi. Ivyo batumvikana ko akaba ngo azobishikiriza umuhuza murivyo biganiro Kaguta Museveni hamwe n’inama izohuza abakuru b’ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko.

• Grenade 2 zaraye zitewe zikomeretsa abantu 5 hano mugisagara ca bujumbura mumakomine ya muha na mukaza .amakuru dukura kumusaga yemwezako iyo grenade imaze gutegwa yakomerekeje abantu 4 harimwo Umuntu agendana ubumuga bwo mumutwe .Abanyagihugu twavuganye basaba ko abajejwe umutekano bokwongerezwa na cane cane ko ahatewe iyo grenade kuko akazi gaca gahagarara .Mu gipolisi bemeza ko ku matohoza amaze gukorwa biboneka ko ari ubugizi bwa nabi bujanye nukwihorahorana. Pierre Nkurikiye avugira igipolisi avuga ko haba ku musaga co kimwe no mu Buyenzi hose abateye ama grenade basa nabaje barondera abantu bafise ivyo bapfa.

• Onesime Harubuntu arongoye radio Ivyizigiro niwe agiye kurongora ishirahamwe ry’amaradiyo asamiranira mu burundi ABR .icegera ciwe akaba ari leonard juma arongoye radio yigihugu ,umunyamabanga ni Gorgon sabushimike atrongoye radio scaolaire Nderagakuru nayo icegera ciwe akaba ari sylvere Ntakarutimana arongoye radio isanganiro . uwo agiye kurongora ABR yemeza ko azobandanya akwirikiza imigambi iryo shirahamwe ryashingiwe .

• Umuyobozi w’igisata kijejwe imiti aremeza ko ibikogwa vyo gucungera imiti mu gihugu ko bitagenda neza kuko itegeko rigenga ivy’imiti rihari rishaje. Emmanuel BAMENYEKANYE akavuga ko integuro y’itegeko rishasha yoyo izofasha mukugwanya bishemeye urudandazwa rw’amagendo y’imiti biciye mu rwego ruzoba rujejwe gucungera imiti n’ibifungurwa mu gukorera hamwe n’ibihugu bigize EAC .Urwego rw’abadandaza b’imiti, ordre des pharmaciens mu gifaransa rurashima iyi nteguro nshasha izogenga imiti n’ibifungurwa. Désiré akavuga ko rizotorer umuti ibibazo biri mu gisata c’imiti, nk’ ahusanga hari abadandaza imiti batabifitiye ububasha n’ibindi

• Umurwi nserukira gihugu mu mupira w’amaguru intamba mu rugamba uhejeje gutsinda igihugu ca Ethiopie ibitsindo 4 kuri kimwe mu nkinoo za cecafa ziriko zibera mu gihugu ca kenya urwo akaaba ari uukino rwa kabiri . Uburundi murukino rwabwo rwa mbere bukaba bwaranganije nigihugu ca uganda ubusa k’ubundi uburundi bukaba buciye buronka amanota ane . ibitsindo vy’uburundi icambere cinjijwe na pierro kwizera ariwe kizegenza wintamba icakabiri cinjizwa Cedrick Laudit Mavugo yinjiza icagatatu nawe shassir Nahimana akubitamwo icakane .

ABR

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.