Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 5 Ntwarante umwaka w’2018

05/03/2018 Edition : 1

• Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wemeza ko utararonka urwandiko rumenyesha uwo murwi ko washizwe mu murwi B uvuye mu murwi A. Jean Bapiste Baribonekeza arongoye uwo murwi abivuze mu gihe hari amakuru avuga ko umurwi mpuzamakungu ujejwe ivyo gukwirikirana imirwi iharanira agateka kazina wafashe ingingo ntabanduka yogushira umurwi CNIDH mu murwi B. Jean Baptiste Baribonekeza avuga ko hamwe iyo ngingo yoba yarafashwe, uwo murwi ngo uzobandanya ukora igikorwa cawo ujejwe. Mu vyo umurwi Cnidh wagirizwa n’uwo murwi mpuzamakungu harimwo gukora utigenga hamwe no gufata minenerwe ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka kazina muntu rivugwa mugihugu

• Abakuru b’amareta n’abashikiranganji b’ibihugu bitanga ingabo zija kugarukana amahoro muri Somaliya Arivyo Kenya, Ubuganda, Uburundi Djibuti na Ethiopie bahamagarira ishirahamwe mpuzamakungu Onu kureka umugambi wayo wo gukura ingabo muri Somaliya gushika mu 2020. Ku bwabo ikirangaminsi co kubakurayo ntigikwiye kandi cotuma intambwe igezweko mu kurwanya abashebab bakorana na Al-Qaïda isubira inyuma. Aha mukamenya yuko ingabo nyinshi zakuwe muri Somaliya mu mwaka uheze abashika igihumbi bakaba biteze kuvanwayo hatarenze mu kwezi kw’icumi uyu mwaka. Ingingo ya Onu yo mukwezi kw’umunani guheze ivuga yuko ingabo zose ziri muri Somaliya zizoba zakuweyo gushika muri Kigarama 2020. Abakuru b’ibihugu n’abashikiranganji bitavye Inama yabereye i kampala mu Buganda ku ndwi iheze bahamagarira akanama ka Onu kajejwe umutekano gusubira kuri iyo ngingo yo gukura abasirikare muri Somaliya kugira babanze bigarurire uturere tukiganzwa n’abashebab bongere bigishe igisirikare ca Somaliya.

• Abantu barenga 500 barajanywe kudandazwa mu mahanga mu mwaka w’2017. Ivyo bikaba ari ibiri mu cegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe ryishinze kurwanya urudandazwa rw’abantu n’amabi akorerwa abakenyezi ONLCT où est ton frère. Kubwa Prime Mbarubukeye arongoye iryo shirahamwe ngo urwo rudandazwa rwahora rukorerwa ahanini abigeme n’abakenyezi rwatandukiririye n’abagabo. Uwo arongoye ishirahamwe ONLCT agasaba leta gushiraho umurwi wigenga ujejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu.

• Mwariko mwumviriza Prime Mbarubukeye arongoye Ishirahamwe ONLCT ou est ton frere rirwanya urudandazwa r’wabantu.

• Ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo Parcem rimenyeshako igisata c’ingenzi mu Burundi cari gikwiye kugarukirwa. Faustin Ndikumana arirongoye yemeza ko igisata c’ingenzi gitungishije ibihugu vyinshi kw’isi. Ngo n’uburundi ntibwari gusigara inyuma kuko bufise vyinshi bworata. Aha uwo arongoye Parcem agasaba ko hoshirwaho inzego zikurikirana ibijanye nico gisata c’ingenzi hamwe nuburyo bwo kubishikako.

• Umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye asubiye gutwara umudari w’inzahabu mu nkino zo gusiganwa zabereye mu gisagara ca Birimingham mu gihugu c’Ubwongereza ku metero amajana 800 . Inkino z’igice ca 16 gishira icanyuma nazo zaraye zirangiye. Imigwi iramaze kumenya uko izotana mu mitwe mu gice gikurikira.

Forum des lecteurs d'Iwacu

1 réaction
  1. NDAGUKUND BURUNDI.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.