Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 30 NDAMUKIZA 2018

01/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 30 NDAMUKIZA 2018

• Sentare nkuru y’intara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura rural yaciriye gupfungwa umunyororo w’imyaka 3 n’ihadabu y’ibihumbi 300 y’amafaranga y’amarundi uwitwa Melchiade Nzopfabarushe. Yagirizwa ivyaha vyo gutera ubwoba abanyagihugu, kubagumura hamwe no kubateranya n’ubutegetsi. Umushikirizamanza wa Républika mukumurengutsa mubutungane akaba yafatiye ku majambo yumvikana mu masanamu ariko araca ku mbuga ngurukanabumenyi yashikirijwe n’uyo Melchiade Nzopfabarushe.

• Umugambwe Uprona urababajwe n’ivyavuzwe n’uwo Melchiade Nzopfabarushe. Umukuru w’uwo mugambwe, Abel Gashatsi agashima ko yarengukishijwe mubutungane. Akavuga ko ari ikimenyetso ko ubutungane n’abarongoye igihugu bashaka ayo matora twimirije yorangwa n’ubutungane n’ukwidegenvya

•Mu runani rwabatavuga rumwe na leta Amizero y’abarundi naho bariyamiriza invugo yakoreshejwe n’uwo Melchiade Nzopfabarushe. Umushingamateka arongoye umurwi rwabashingamateka batowe mururwo runani akavuga ariko ko igiteye amakenga aruko atari ubwambere amajambo nkayo ashikirizwa. Pierre Célestin Ndikumana agashimishwa n’ingene ubutungane bwiyambitse umutamana muguca urwo rubanza

• Uruganda rw’amakuru y’Iwacu rwashimye kugaruka ku majambo yashikirijwe nuyo Melchiade Nzopfabarushe

• Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe ivy’agateka ka zina muntu Cnidh uhamagarira abantu bose bafise uruhara mu matora yimirije y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro kwirinda amajambo yose yosubiza inyuma ivy’iyubahiriza ry’agateka ka zina muntu. Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru, Jean Baptiste Baribonekeza arongoye uwo murwi yasavye abarongoye abandi gukurikiranira ahafi abo barongoye kugira bakinge inyifato zigwiza urwanko.

• Umukuru w’Inama shingamateka pacal Nyabenda ahamagarira abanyagihugu bose gusidukana n’iyonka kuja gutora amatora yo guhindura ibwiriwa shingiro. pascal nyabenda akabasaba ariko gufatana munda naho hari bamwe badashaka ko iryo bwirizwa rihinyanyurwa

• Igenekerezo rya 30 ndamukiza harahimbazwa umusi mpuzamakungu w’ukudahohotera abana mu kubarera(non-violence éducative). Muri syndicat y’abigisha STEB bamenyesha ko mu Burundi iryo hohoterwa rikorwa ku mashule. Nayo ku bijanye nuko hakuwe igihano co gukubita umunyeshule yakoze ikosa, Remy Nsengiyumva arongoye syndicat STEB avuga ko ico gihano cakuwe kubera hari abigisha barenza urugero mu guhana abanyeshule. Yemeza ariko ko umwana ategerezwa guhanwa kugira indero ntitituke.

• Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu bigeme ryarabandanije ku rwego rw’igihugu mu mpera z’iyindwi. umugwi w’ishure rya christ roi ry’i Gitega ukaba waranyagiwe na n’umugwi wa PVP-Buyenzi wo mu gisagara ca bujumbura ibitsindo 13 ku busa nayo muru kino rw’amaboko basket ball urunani rukaba rubandanya rwitwara neza kuko no mu rukino rwo kuri uyu w’Imana rwatsinze new star amanota 85 kuri 80

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.