Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 29 kigarama 2017

29/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 29 kigarama 2017

• Abanywanyi batanu b’icegera cambere c’umukuru w inama nshingamateka Agathon RWasa barahagaritswe kur’uyu wa kane muri komine Gihanga intara ya Bubanza . mUrabo bahagaritswe harimwo babairi bari mu nama mpanuzwajambo ya Komine Gihanga . Naho bafashwe bagirizwa kudatora ego mu matora yimirije yukwemeza canke guhakana ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro icaha bagirizwa cahavuye gihinduka .

• Umukuru w’igihugu yemezako umugambi woguhinyanyura ibwirizwa nshingiro wavuye mu mpande zose zerwa n’ibiganiro hagati y’abarundi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avugako vyagiye birumvikanwako mu ma nama yagiye arahuza impande zose kuva mu mwaka wa 2012. Ivyo abivuga afatiyeko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro riri mungingo zitumvikanyweko mu biganiro biherutse kubera I Arusha. Yabivugiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu kuruyu wa 5 mu ntara ya Kayanza,yishuye n’ibindi bibazo biraba ubuzima bw’igihugu.

• Abagize imigwi yigenga itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI, barahiye kuri uyu wa 29 Kigarama. Umukuru w’umugwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu amenyesha yuko abo nabo bazoca bashiraho imigwi itegura amatora ku rwego rw’amakomine CECI.

• Ishirahamwe rihamagarira abantu guhindura ingendo, Parcem rimenyesha ko ibisata bitandukanye vy’igihugu ko bitifashe neza mur uyu mwaka wi 2017. Faustin Ndikumana, umuyobozi wa Parcem avuga ko inkingi 3 arinazo zituma igihugu gikomera ko zigoyagoya. Ishirahamwe Parcem ritera akamo abantu bose kumva ko ibintu bikwiye guhinduka mu guhugu, abategetsi nabo bagashira mu ngiro ivyo baba biyemeje

• Musenyeri venance Bacinoni asaba abarundi kuremesha amahoro n’urukundo kugira bashike kw’iterambere rirama .ivyo yabishikirije mu Minago mugihe bariko baribuka imyaka 14 irangiye uwaserukira papa Muburundi musenyeri Mihael kurtine agandaguriwe kwibarabara rya bujumbura Rumonge mu gacimbiri Kabogozi muri zone ya Minago komine n’intara ya Rumonge .

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.