Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 28 KIGARAMA 2017

28/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 28 KIGARAMA 2017

• Imigambwe imwe imwe mu ntara ya Rumonge iridondomba ko yakumiriwe mu murwi w’intara ujejwe guhagararira amatora mur’iyo ntara .Bagasaba k’umurwi w’igihugu ujejwe amatora CENI ko wo bikosora kugira n’abonyene bagire uruhara murico gikorwa. Uwarahagarariye umurwi ceni mugihe hashikirizwa abagize CEPI y’ intara ya Rumonge yarahumurije ko abatari ku rwego rw’intara bashobora gushirwa mu mirwi ya ma komine CECI

• Ubushikiranganji bw’umutekano bwemeza ko bugiye gufata ngingo zizotuma amasanganya yo mwibarabara agabanuka . Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni yemeza ko bagiye gutanga amanota kubatwara imiduga gushika aho abakoze amakosa menshi bakwa impusha zo kugendesha imiduga .

umushikiranganji w’umutekano akavuga kandi ko hagiye gusubirwamwo ibijane n’isuzumwa ry’imiduga . Uyo mushikiranganji akaba yabishikirije mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu.

• k’ubw’ishirahamwe rijejwe umutekano wo mwibarabara OSR ngo izo ngingo zari nziza ariko ngo nuko bigoye ko zishirwa ùmu ngiro . Nixon Habonimana arongoye OSR yemeza ko igipolisi kijejwe umutekano wo mwibarabara umengo cashiriweho kugenzura gusa imiduga y’abigenga . Uyo arongoye OSR asaba ko amakosa yose yohanwa ata mwana nikinono kugira amasanganya yibonekeza agabanuke

• Abanyagihugu baba muma quartier ya Cibitoke na Mutakura barashima isubirwamwo ry’ikiraro kiri ku ruzi Nyabagere ni muri zone ya Cibitoke. Ngo bizotuma amasanganya yahora ahabera agabanuka. Bamenyesha ariko ko ibarabara Rn9 ryuzuye ibinogo. Kubwabo ngo n’igikorwa cakozwe igice. Bagasaba ko iryo barabara ryokorwa

• Uwurongoye zone ya Cibitoke arahumuriza abo banyagihugu. Felix Nsabimana yemezako mu manama bagira bamaze kuvuga ibijanye nisubirwamwo ryiryo barabara. Akamenyeshako mu misi iri mbere iryo barabara rizokorwa. Nayo kubijanye n’isanurwa ry’ico kiraro, uwurongoye zone ya Cibitoke avuga ko ari igikorwa ciza.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.