Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 NTWARANTE 2018

27/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 27 NTWARANTE 2018

• Umukuru w’umugambwe ranac , Aloys Baricako yarahagaritswe n’igipolisi mugisagara ca gitega kumugoroba wo kuruyu mbere .Amakuru ava aho igitega akemezako yahagaritswe arikumwe n’umunywanyi w’umugambwe CDP Pierre Kugirwa. Georges nikiza umuvugizi w’u mugambwe RANAC aremezakoUmukuru w’yo mugambwe yahagaritswe , akavugako kuruno wa kabiri yarekuwe agiye gushingurana iteka inakuru mu ntara ya Karusi .Ariko bafise amakuru avugako ngo yategetswe guca asubira aho yaraye apfungiwe. uwo mugambwe ugasaba ko umukuru wabo yorekurwa ngo kuko batarabwirwa icazira.

• Syndicat y’abigisha bo muri kaminuza y’uburundi SPUB irikumwe n’ishirahamwe ry’abigisha bo mu makaminuza bariyamiriza itegeko ry’umushikiranganji w’indero ritunganya ibijanye n’inyigisho za masters muri kaminuza y’uburundi. Bemezako iryo tegeko ritafatiye kuvyo abo bigisha bari basavye. Siméon Barumwete arongoye syndicat y’abigisha bo muri kaminuza muvyo avugako bitakurikijwe harimwo ko ngo yafashe ingingo yokwugurura intonde 5 gusa z’ivyigwa vya masters mugihe bari basavye ko hoba intonde 20. Ikindi naco ngo irytegeko rizana amazina mashasha yama masters atabaho ngaho muri kaminuza. Bagasaba umushikiranganji ko yosubira kuriryo tegeko.

• Abanya politique batavuga rumwe na Leta bari hanze y’igihugu bahurikiye mu runani CNARED baragize inama kuva kuwa 24 kugera ku wa 26 ntwarante uno mwaka. Hakaba hari ngo muntumbero yogufata ingingo iboneka kubijanye naho urwo runani ruhagaze kubijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro, amatora, hamwe n’ibiganiro hagati y’abarundi.
Mw’itangazo urwo runani rwasohoye ryateweko umukono n’umuvugizi warwo Pancrace Cimpaye , bemezako iyo nama yabaye mumwumvikano ntangere mbere ikaba ngo yatumye abagize urwo runani biyunga hagati yabo. Bakaba bemezako bazoshira ahabona vuba itangazo rivuga neza mw’ido n’ido ivyavugiwe muriyo nama.Urunani CNARED rukavugako rwemereye abarundi ko bagiye kurwaniriza hamwe umugambi wa Leta wogushaka kuzimanganya amasezerano y’amahoro y’i Arusha. Tukabibutsako iyo nama yabaye inyuma yaho abatari bake mubanyapolitique bari mu runani CNARED bari bandikiye uwurongoye urwo runani Jean Minani bamwagirizako atashaka afise ryogukoresha inama abari mururwo runani.

• Umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi Jean-Pierre Nimbona batazira Kidumu, aremeza ko kuwa gatandatu yahawe ishano. Aho arwariye mubitaro Polyceb biri hagati mugisagara ca Bujumbura kuva kuruyu wa 1 yatumenyeshejeko ngo yatanguye kwumva ameze nabi mw’ijoro ryo kuruyu wa 6 ahejeje kuremesha igiteramo i Kiriri mubigo vya Kaminuza y’uburundi. Abaganga bamupimye ngo basanze amafyigo n’igitigu vyiwe bitameze neza, bikaba ngo ari ibimenyetso vyerekana ko yoba yarahawe ishano. Uwo muririmvyi rurangiranwa agahumuriza abakunzi biwe ko ariko aravugwa. Akaba anegura abo bagifise agatima ko gushaka kwaka ubuzima kiremwa muntu. Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu ari kuri micro ya Abbas Mbazumutima.
Aha tukabamenyeshako uwasangiye na Kidumu ibifungurwa akekako yariyemwo ishano nawenyene ari kumusego ubu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.