Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 27 Munyonyo 2017

27/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 27 Munyonyo 2017

Kuri uyu wa mbere niho hatanguye ibiganiro ku matati y’Aburundi mu gisagara c’i Arusha mu gihe vyaribitegekanijwe ko bitangura icese ,umufasha mu biganiro yatangaje ko ibikorwa bizokugururwa kuri uyu wa kabiri . Reta y’Uburundi ikaba yitavye muri ivyo biganiro iserukiwe n’intumwa zitatu . Abari mu runani rw’imigambwe itavugarumwe n’uwuri kubutegetsi bari mu mahanga basanzwe bahurikiye mu runani CENARED ntibari bwashike i Arusha eka na bahunze igihugu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ntibitavye ivyo biganiro. Evariste Ngayimpenda umwe mu banyepolitike yitavye ivyo biganiro avuga ko yizeye ko ibibazo vyose bihanze igihugu bizoganirwako kugira hashikwe ku ngingo zituma hagaruka amahoro n’umutekano mu gihugu c’Uburundi .

Eka no mu mugambwe FNL ngo ntakindi c’abajanye Atari kurondera amahoro n’ukumviriza intererano y’abahunze kugira batahuke mu gihugu. Jacques Bigirimana arongoye FNL avuga ko igikenewe cane aru kuvugana ingene hotunganywa amatora meza yo 2020 .

N’umuryango w’aba islam mu Burundi waratumiwe murivyo biganiro,cheikh Sadiki Kajandi arongoye COMIBU avuga ko Inzira y’ibiganiro ariwo muti urama ku ngorane ziri mu gihugu .Agasaba impande zose kumvikana kugira Abarundi bose basubire mu gihugu c’amavukiro .

Hari umuntu yaraye yishwe mw’ijoro ryo kur’uyu wImana mu Gitsiro muri komine ya VYanda mu ntara ya Bururi . Uyo muntu ngo yoba yishwe akekwa ko ari umurozi ,inkuru ziva aho zemeza ko uyo muntu yaratashe avuye mw’isoko mu Gitsiro aca ategerwa n’abantu batamenyekanye baramukubita gushika naho acikana .Uyo muntu ngo akaba yarumwe mu baheruka guhunguka bavuye mu gihugu ca Tanzaniya . Abajejwe intwaro bemeza ko amatohoza yatangujwe kugira hamenyekane abishe uwo muntu .

Umuhari uvuga ko ari uwabarwanyi barwanya Leta y’Uburundi FPB usaba umukuru w’igihugu ca Tanzaniya gukora ibishoboka kugira ngo indongozi z’uyo muhari ziherutse kuburwa irengero ziboneke. Mw’ikete riteweko umukono na Colonnel Adolphe Manirakiza avugira uwo muhari barungikiye uwurongoye igihugu ca Tanzaniya, bemezako bafise amakuru avugako Géneral Major Jeremie Ntiranyibagira yararongoye uyo muhari hamwe n’icegera ciwe Lieutenat colonnel Edouard Nshimirimana hamwe n’abandi bakorana aribo Capitaine Libère Nzeyimana hamwe n’uwitwa Liberate Nijimbere, bahagaritswe nabajejwe umutekano b’igihugu ca Tanzaniya mu nyuma ngo bakaba boba bahavuye bahabwa mu kinyegero abajejwe urwego rw’iperereza mu Burundi.

Umuhari FPB mw’ikete ryawo ukabonako iburwa ry’izondongozi rishobora gutuma igihugu ca Tanzaniya kigira iceyi ntikibe kicizerwa mu bijanye n’uko ibiganiro hagati y’Abarundi bibera ku gataka kaco. Ikindi naco ngo bishobora gucafuza imigenderanire hagati y’igihugu ca Tanzaniya n’abarwanira ukwubahiriza amasezerano ya Arusha. Izo ndongozi za FPB zabuzwe irengero kuva kuwa 21 gitugutu uno mwaka.

Imvura yaguye kuri uyu wa 26 munyonyo yarononye ibintu. abantu batatu barakomeretse muri komine Bubanza inzu 200 zarasambutse, ibiraro bitatu vyarabomotse, ibirasi 10 vy’amashure birasambuka. N’amasengero ane yarasambutse. Amahegitari agera kuri 17 y’imirima yarononekaye. Ni mu gihe hasambutse inzu 43 muri komine Gihanga.

Ikibuga c’indege c’I Bujumbura kigiye gusanurwa hubakwe n’ikindi kibuga c’indege gishasha i Kabaamba muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Nk’uko vyemejwe mu nama nshikiranganji iheruka, ngo igitigiri c’abaca ku kibuga c’indege c’i Bujumbura cariyongereye. Ikibuga c’indege c’i Kabaamba kikazosahiriza mu gihe ic’ibujumbura kizoba cagize ingorane. Philipe NZOBONARIBA, umuvugizi wa leta y’Uburundi akamenyesha ko bazosaba ingurane kugira barangure iyo migambi

Komine ya Buyengero niyo yabaye iya mbere mu kibazo co mu mwaka w’icenda mu mwaka urangiye ngo ikaba yaronse amanota angana 95.3 kw’ijana ngo n’iteka rero ku ba nyabuyengero ariko ngo vyaturutse ku nama rukokoma yakozwe aho I Buyengero ijanye n’ivyindero . Ahafatiwe ingingo zatumye akanovera k’indero kisununura muri iyo komine.Imvukira ziyo komine zemeza ko zigiye gushira inguvu muri ico gisata mbere ko abanyeshure baza ubwambere n’abigisha bitanga bazoza bararonswa ubushimwe .

Ihiganwa primus ligue- Burundi ryarabandanije mu mpera z’iyi ndwi. Inyuma y’aho messager ngozi itsindiye urukino rwayo LLB nayo ikanganya zaciye zihindura imirisho ku burongozi bw’iryo higanwa n’ayo imigwi izokina inkoni z’igice ca 2 gishira ica nyuma mu nkino z’amaboko basketball mu nkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu yaraye imenyekanye

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.