Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 27 kigarama 2017

27/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 27 kigarama 2017

• Ubushikiranganji bujejwe umutekano bwemezako ubwicanyi bwagabanutse cane muruyu mwaka wa 2017 ugereranije no mu mwaka uheze wa 2016. Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni ajejwe umutekano agasigurako ubwicanyi bwavuye kurugero rwa 400 mu mwaka uheze buja kurugero rwa 277. Ivyo yabishikirije kuruyu wa 3 igihe ubushikiranganji arongoye bwariko burashikiriza ivyo bwaranguye muruyu mwaka turiko turasozera wa 2017. Kubwa Alain Guillaume Bunyoni akemezako ibikorwa vyubwo bushikiranganji vyarangutse kugera kurugero rurenga ibice 90 kw’ijana. Kuruhande rwa bamwe mubaharanira agateka kazina muntu babonako umushikiranganji ajejwe umutekano atarakwiye kwemezako ubwicanyi bwagabanutse mugihe buharura ubwicanyi burenga 200. Anshaire Nikoyagize umwe mubaharanira agateka kazina muntu yemezako mumatohoza yakoze hamenyekanye ko abantu 397 aribo bishwe nayo 99 baraburwa irengero. Agahamagarira abajejwe umutekano gukora ibishoboka vyose mugukingira abanyagihugu.

• Ishirahamwe ryishinze kugwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta, Olucome ririyamiriza ikoreshwa ry’uburyo bwa leta mu gikorane c’umuryango w’umukuru w’igihugu kiriko kibera mu ntara ya Kayanza . Gabriel Rufyiri arongoye olucome avuga ko amahera angana n’imiliyoni 120 ko ariyo ariko arakoreshwa mur ico gikorane kandi igihugu cugarijwe n’ubukene. Agasaba ko iminsi y’ibikorane ko yogabanywa, hagashigwa imbere ibikorwa, amasengesho n’itunganywa neza ry’ubutunzi bw’igihugu

• Kur’uyu wa gatatu niho umurwi wigihugu ujejwe guunganya amatora ceni warangiza igikorwa co gushiraho imirwi y’intara ijejwe amatora cepi mu ntara ya cibitoke umukuru w’umurwi ceni ujejewe gurtunganya amatora niwe yashikirije abagize uyo murwi mu ntara . Pierre claver ndayicariye yemeza ko harabwe ibice 60 kwijana vy’abahutu ivbice 40 kwijana vy’abatutsi haamwe na 30 vyabakenyezi . uyo arongoye umurwi ceni yemeza ko abashikirijwe bataremezwa burundu niyo bemezwa ngo bazoca barahira kugira batangura akzi ukuri kwamye ko gushiraho imirwi ijejwe amatora mu ma komine ceci . Mu ntara ya Cibitoke abantu 8 nibo bagize cepi bakaba bagizwe n’abahutu 5 bane abatutsi 2 numutwa umwe Mugihe hari nkuwuserukira idini ry’aba adventiste hamwe nuwuri mu bwoko bwabatwa bafiswe ko amakenga ko batazwi mu ntara ya cibitoke . Pierre claver ndayicariye arongoye Ceni yemeje ko hagiye kuba amatohoza kugira hafatwe ingingo ibereye kurabo bantu babirri

• Urwaruka rwinshi rw’Uburundi Rubona yuko abahungu n’abakobwa batotorana co kimwe. Ku bijanye n’ibikorwa vyo mu rugo hari abategera ko bobikora ku rugero rumwe n’abandi batarabitegera. Ku vyo kuzezwa amabanga naho abenshi mu bahungu n’abatari bake mu bakobwa babona ko abahungu ari bo bakwiye kuzezwa amabanga menshi. Ivyo bikaba biri mu cirwa ikigo cishinze gukinga no kubura amatati Cenap cakoze ku vyofuzo vy’urwaruka

• Urunani rw’amashirahamwe y’abunguruza abantu ku makinga rumenyeshako bazi abo bita aba sécurité abo nabo ngo bajejwe gutoza amahera abatwara amakinga kubituro bitandukanye . Kubwa Emmanuel Nimbona arongoye urunani COATAVEBU ruhurikiyemwo amashirahamwe y’abunguruza abantu ku makinga, ngo abo bita aba sécurité batorwa n’abo nyene bunguruza abantu. Nayo kubijanye n’ikibazo c’umwambaro wabo(gilet) ngo barazi ko yaheze ariko ngo ico kibazo kiraba ubushikiranganj bubijejwe Gutwara abantu nibintu hamwe n’igisagara ca Bujumbura.Ivyo akaba abivuze inyuma yaho hari abasanzwe bunguruza abantu ku makinga mu gisagara ca Bujumbura bidogeye abo bita aba sécurité. Bakabagiriza yuko baguma babafata babaka imyambaro ibaranga kandi nayo yaraheze hamwe nuko babatoza amafaranga menshi y’ihadabu batazi iyo aja kuko atanicemeza ko bayatanze bahabwa .

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.