Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 24 NDAMUKIZA 2018

24/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 24 NDAMUKIZA 2018

• Abantu 6 nibo bamaze guhagarikwa kuva kuruyu wa mbere muri komine songa intara ya bururi.abo bose bahagarikwa bagirizwa gukora amanama yo mukinyegero yo kuzotora oya mumatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro mukwezi buca dutangura.imiryango yabo bantu bakamenyeshako atakindi bariko barazira atari imvo za politike kuko baso bava mumigamwe itavuga rumwe n’ubutegetsi

• Abashikiranganji 21 baherutse kugenwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ngo baje muri Leta barahiye kuruyu wa 2 imbere y’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Murabo bashikiranganji barahiye hakaba harimwo 5 bashasha nayo abandi bakaba bari basanzwe muri Leta yahahora bakaba bamwe muribo bahinduriwe gusa ubushikiranganji bari bajejwe bahabwa ubundi. Abo bagize Leta nshasha bakaba mundahiro zabo muvyo biyemejeharimwo kutazohemukira ubumwe bwa barundi, ibwirizwanshingiro ry’uburundi hamwe n’amategeko. Ikindi naco nuko bazorwanira inyungu zigihugu mumabanga bagiye gukora.

Abandi barahiye kuruyu wa 2 imbere y’umukuru w’igihugu n’abatwe n’abanyagihugu nuwitwa Josiane Habonimana na Isaac Sabuwanka bagenywe kuja mubagize sentare idasanzwe y’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo

• Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka k’abana FNADEB ruranegura ko leta itariko irakurikiza ivyo yumvikanye nayo mashirahamwe mubijanye n’igikorwa co gukura abana mw’ibarabara kimaze imisi kiriko kirakorwa mu gihugu cose. Jaques Nshimirimana arongoye urwo runani yemezako bari bumvikanye ko abo bana imbere yuko bashirwa mu miryango bavuyemwo leta yobanza ikabanywanisha niyo miryango kuko ngo usanga hari abana baba bagiye mw’ibarabara basize bakoze ibibi aho bari babaye basubiyeyo bagaca bagira ingorane zokwihorwa kuvyo bakoze. Mu runani Fenadeb barashima ariko ko ico gikorwa kiriko gikorwa n’abajejwe umutekano barose inyigisho kubijanye n’agateka k’abana. Urwo runanai ruvugako rumaze guharura abantu 450 bakuwe mw’ibarabara n’igi polisi mu ntara 7 z’igize igihugu harimwo igisagara ca Bujumbura. Bakaba bagizwe n’abana 402 bo mw’ibarabara hamwe n’abakuze 48. Igikorwa co kubakura mw’ibarabara kikaba ngo atangorane cateye kubijanye n’agateka kabo kuko ngo kiriko gikorwa n’abajejwe umutekano bafise inyigisho kubijanye n’ico gikorwa.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.