Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 24 Munyonyo umwaka w’2017

24/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 24 Munyonyo umwaka w’2017

Abana babiri bo muri komine Itaba ni mu ntara ya Gitega baraciwe ibikonjo vy’amaboko. Ababikoze bakavugako babikoze bakeka ko bari bagiye kwiba ibigori . Abanyagihugu bo bagasaba ko bene gukora iryo bara bari bakwiriye guhanwa vy’akarorero kuko batumye abandi bana baba ibimuga .

Guhanisha abana ukubaca ibiganza ngo ni ubutumwa budasanzwe. Bivugwa n’uwurongoye ishirahamwe ryitaho agateka k’abana Sojpae. David Ninganza amenyeshako ko vyerekana ko hari abagishira imbere kwihanira.

Agatera akamo avuga ko ata kintu na kimwe cotuma umwana ahanishwa gucibwa ibihimba vy’umubiri.

Indwi igira irangire abanywanyi batandatu b’urunani amizero y’Abarundi bayoboka Agathon Rwasa bafungiwe mu gasho ka komine buhiga turi mu ntara ya Karusi . Abarongoye mizero y’Abarundi basaba ko babo banywanyi babo borekurwa kuko atakindi bariko barazira atarimvo za politique. Mu gihe bivurwa ko bafashwe kwitegeko ry’umukuru wa zone buhiga. Phocas sindaruhuka yanse kugira ico abivugako ngo kuko atumva ingene iryo pfungwa riraje ishinga abamenyeshamakuru.

Mu giporisi bavuga ko abo bantu bapfunzwe kuko briko baragwana . Pierre nkurikiye avugira igipolisi c’Uburundi yemeza ko abo bantu batakubaguwe. Ngo naho boba bafise ibikomere vyoba vyaturutse ku kugwana kwabo. Ubu rero ngo bakaba bafunzwe ku mvo z’amatohoza .

Abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique bari hanze y’igihugu bari kumwe nabo mu mashirahamwe y’abamenyeshamakuru bari hanze y’igihugu hamwe n’Ayabarundi bari hanze barungikiye urwandiko umuhuza mu biganiro hagati y’Abarundi Yoweli Kaguta Museveni. Muri urwo rwandiko berekana amakenga bafise ku biganiro hagati y’Abarundi bitegekanijwe mu ndwi iza. Vital Nshimirimana aserukira abari mu mashirahmwe adaharanira ivyicaro vya politique avuga ko banegura ingene abazoja muri ivyo biganiro batumiwe kuko atamuco vyabayemwo. Ikindi naco ngo bafise amakenga ku mutekano w’abazokwitaba ivyo biganiro.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.