Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ruhuhuma umwaka w’2018

23/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ruhuhuma umwaka w’2018

• Inama igira 19 y’abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko yariko irabera ikampala muri ouganda yarangiye kuruyu wa 5. Muvyashitsweko muriyo nama hakaba harimwo kwongera ikiringo umufasha w’umuhuza mubiganiro hagati y’abarundi Benjamin Mkapa murayo mabanga. Abakuru b’ibihugu bitavye iyo nama bakaba bashimiye amakungu hamwe nabandi bafasha mubiganiro hagati y’abarundi ko babandanya bashigikira umugambi w’ibiganiro hagati y’abarundi.

• Havugwa ihagarikwa ry’abantu muriyi misi. Abantu bashika 5 baramaze guhagarikwa, uwuherutse guhagarikwa akaba yahagaritswe kuruyu wa 4. Abenshi mubahagarikwa bagirizwako bakora amanama yokwigisha abanyagihugu kuzotora oya mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Imiryango yabo ikavugako atakindi ababo bazira Atari ivyiyumviro vyabo vya politique.

• Ishirahamwe ryinshinze gukaburira Abarundi guhindura ingendo, Parcem ribona ko hakwiye ibiganiro hagati ya leta y’Uburundi n’abanyepolitike bose imbere yuko ibwirizwanshingiro risubigwamwo. Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM avuga ko vyotuma haba ituze mu gihugu kuko ubu hari imvugo ziturira usanga ziriko zirakoreshwa muri bino bihe vyokwitegurira ayo matora

• Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora rubonako iradio Bonesha Fm ikwije ibisabwa vyose kugirango isubire kwemererwa gukora. Ariko urwego CNC ruvugako radio Bonesha Fm kugirango isubire gukora itegerezwa kubanza gutanga muri CNC urupapuro ruvuye mubutungane rwemezako iyo radio itagikurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bikaba ngo biri muvyashitsweko mu nama isanzwe yurwego Cnc yokumagenekerezo ya 22 na 23 kuno kwezi. Ibindi vyumvikanyweko nuko urwo rwego rwafashe ingingo yogukuraho ibihano vyoguhagarika mu mwuga wokumenyesha amakuru hano mu burundi mukiringo c’amezi 3 umumenyeshamakuru akorera ikinyamakuru Igihe Egide Nduwimana.

• Haraye hatewe grenade kurugo rwuwitwa Cyprien Gahungu batazira Gahuguru ruri muri commune Bugabira ku musozi Ryagihana. Imana yarakinze ntawoyahitanye ariko yarononye imodoka yari mururwo rugo hamwe na kiosque yari hari n’umuryango w’inzu. Uwagirizwa ico caha azwi kw’izina rya Justin Mubumba yamaze guhagarikwa kumvo z’amatohoza.

• Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho kurwanya igiturire kw’isi Transparency International rishira uburundi kurutonde rw’ibihugu vyambere kw’isi birimwo kurya igiturire. Mucegeranyo c’iryo shirahamwe cerekana ingene ibijanye nokurya ibiturire vyagenze mu mwaka uheze wa 2017, Uburundi buza mu kibanza c’157 ku bihugu 180. Ico cegeranyo kikanemezko uburundi ari igihugu cambere kirangwamwo igiturire mu bihugu biri muri kano karere k’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

• Mw’ishirahamwe Olucome ryiyemeje kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Leta, bavuga ko ivyo bidatanganje ngo kuko kurwanya ibiturire mu Burundi bisa n’ivyibagiwe. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe akavuga ko ico cegeranyo c’ishirahamwe Transparency International cari gikwiye kwugurura amaso Uburundi bukabona ko bugeramiwe.

• Leta y’uburundi ivugako ibiri murico cegeranyo c’iryoshirahamwe mpuzamakungu bitayiraba. Jean Bosco Ntahimpera avugira ubushikiranganji bw’intwaro ibereye avugako iryo shirahamwe ritakoranye n’inzego z’igihugu zijejwe ivyokurwanya igiturire muukora ico cegeranyo. Jean Bosco Ntahimpera akavugako Leta ibandanya ikora ibishoboka mukurwanya igiturire.

• Syndicat y’aba foroma Synapa bakorera mu kigo kivura abarwayi bo mu mutwe aho bita kwa le gentil bafashe ingingo yokuba barahagaritse ihagarikwa ry’akazi bari batanguye kuva kuruyu wa 3 w’ino ndwi. Mw’itangazo basohoye bavugako iyo ngingo bayifashe inyuma y’ibiganiro abo baforoma bagiranye n’ubuyobozi bw’ivyo bitaro. Ngo bakaba bumvikanyeko impande zose zitegerezwa gushira imbere kuganira kuneza y’abarwayi bitura ivyo bitaro. Abo baforoma bakaba bari bafashe ingingo yoguhagarika akazi mu kiringo c’imisi itatu aho bavugako biyamiriza ko uwurongoye ivyo bitaro vyabagwayi bo mumutwe yabankiye gukoresha amanama ya syndicat mukigo c’ivyo bitaro. Ikindi basaba nuko ngo bohabwa uturusho twokumishahara kumukozi yakoze neza. Bakaba banavugako umurwi washizweho ngo uzoze urafasha gutora inyishu y’ibibazo biri hagati yabakozi n’abakoresha ataco uriko urakora wosubira ugakora.

• Inama y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubumanuko n’ubuseruko COMESA yaritegekanijwe kuzobera hano mu Burundi mukwezi kwa 4 yungururijwe kurindi sango. Nkuko bivugwa na Zepherin Maniratunga arongoye umurwi ujejwe gutegura iyo nama igira iya 20 ya Comesa, iyo nama yari itegekanijwe kuwa kuwa 9 kugera kuwa 19 mukwezi kwa 4 izohindurirwa isango kuko ihuriranye nuko hazoba hategekanijwe iyindi nama y’ibihugu bivuga icongereza kuva kuwa 19 kugeza kuwa 20 ukwo kwezi kwa 4. Zépherin Maniratunga akavugako babonyeko vyoba vyiza iyo nama ya Comesa ibaye irabangira kugirango izoshobore kwitabwa n’ibihugu vyose.

• Abarundi barenga 247 nibo bahungutse bavuye mugihugu kibanyi ca Tanzaniya kuruyu wa 5. Bakaba baciye kumupaka uri muri commune Giharo intara ya Rutana. Bakaba baje biyongera kubandi bamaze imisi bahunguka bava murico gihugu kuva mu mwaka wa 2017. Abo barundi akaba ari abisabiye ko ipfuza guhunguka.

• Abanyororo 129 barimwo abakenyezi 8 bararekuwe kuruyu wa 4 mw’ibohero rikuru rya Muramvya. Bakaba barekuwe kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu co kuwa 31 kigarama umwaka uheze. Aho bitegekanijwe ko hazorekurwa abanyororo barenga ibihumbi 2500 mugihugu cose

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.