Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ntwarante umwaka w’2018

23/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ntwarante umwaka w’2018

• Intumwa idasanzwe y’umunyambanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Michel Kafando, ari kumwe n’indi ntumwa barabonanye n’umufasha w’umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin Mkapa kuri uyu wa kane . Imvo kukaba kwari ukuvugan ukugene ibiganiro vy’Abarundi vyosubira gutangura. Hakaba kandi ari inyuma y’abakuru b’ibihugu b’umuryango wa Africa y’ubuseruko yabereye i Entebbe mu gihugu c’Ubuganda mu kwezi kwa kabiri guheze. Muri iyo nama Abakuru b’ibihugu baramwongeye ikiringo baranamutera intege mu twigoro agira mu guhuza Abarundi.

• Kuri uyu wa 5 umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu watanguye kwakira abanya politique bipfuza kuzoja mumyiyamamazo ijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi yemezako mugatondo ko kuruyu wa gatanu bari bamaze kwakira imigambwe 3. Agahamagarira abandi banya politique bipfuza kuja murivyo bikorwa kuja kwiyandikisha isango itararenga. Bikaba bitegekanijwe ko isango yanyuma ari kwigenekerezo rya 6 ndamukiza uno mwaka

• Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta amenyesha yuko Imiriyaridi zirenga 2 z’amafaranga y’amarundi zimaze gutangwa nk’intererano y’amatora. Abandanya amenyesha ko ayo mafaranga yose ari kw’i compte yagenewe ico gikorwa. Ni mu gihe mu murwi Ceni ho bavuga ko bataramenya igitigiri c’amafaranga akenewe mwitunganya ry’amatora. Ivyo bakaba babishikirije kuruyu wa 5 mu kiganiro c’abzvugizi b’inzego za Leta.

• Ishirahamwe mpuzamkungu ONU rimenyesha ko hari ibibanza bine Reta y’Uburundi izotakaza mubijanye nogufasha kugarukana umutekano muri centre Afrique . Mw’ikete iryo shirahamwe ryarungikiye umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’uburundi nayandi makungu, bamenyeshako abasirikare b’abarundi bari murivyo bibanza badafise ubushobozi bwogukora neza ibikorwa bajejwe. Iryo kete rikavugako ivyo bibanza uburundi buzosubira kubironka inyuma y’umwaka mugihe bazoba batanze abantu baja murivyo bibanza bafise ubushobozi.

• Kurivyo umuvugizi w’igisirikare c’uburundi asigurako iyo ngingo itaraba abasirikare bariyo muri kino gihe. Colonnel Gaspard Baratuza akemezako uburundi butazotakaza burundu ivyo bibanza kuko ngo abasirikare b’uburundi bariteguye neza.

• Ikigo c’igihugu kijejwe ivy’amabarabara cemezako ibarabara Bujumbura-Rumonge rigiye gukorwa vuba. Ivyo bikaba vyashikirijwe mu nama yahuje kuruyu wa 5 abaserukira ico kigo, abajejwe ivyamabarabara muri Tanzaniya abo mw’ibanki ijejwe iterambere y’Afrika BAD hamwe nabari baserukiye umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Iyo nama ikaba yabereye mu Rumonge ikaba yarimwo n’abaserukira abanyagihugu bo ngaho muRumonge. Uwaserukiye ikigo kijejwe ivy’amabarabara hano mu Burundi ntiyashimye kuvuga igihe ibikorwa vyogusanura ibarabara Bujumbura-Rumonge bizotangurira ariko yemezako ivyirwa bijanye no gukora iryo barabara vyamaze guhera. Ibanki ya Afrika BAD ikaba yaremeye gutanga uburyo.

• Muri ino minsi hageze kwimbura ikawa , Buramatari w’intara ya Cibitoke aragabisha abarimyi b’ikawa bo muri iyo ntara ko batohirahira ngo bashore kudashorera umwimbu w’ikawa mu bihugu duhana imbibe. Ku bwa Buramatari Joseph itereteka gushorera ikawa ni ukwanka igihugu . Ivyo yabishikirije mu nama yagirishije ku munsi w’ejo yabereye muri zone Nyamakarabo , komine Mugina.

• Buramatari w’intara ya Cibitoke ivyo abivuze mu gihe aho ku mitumba ya Nyempundu na Nyamakarabo muri komine mugina havugwa ikawa ishorwa mu Rwanda kuri magendo. Ku wa gatandatu ntwarante hakaba haheruka gufatwa ibiro bigera kw’ijana na 17 vy’ikawa ritonoye nk’uko bivugwa na musitanteri w’iyo komine.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.