Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ndamukiza umwaka w’2018

23/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 23 Ndamukiza umwaka w’2018

• Umukuru w’igihugu yasohoye itegeko rimenyesha isango abanyapolitique bazotangurirako imyiyamazo y’itora ryo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rizoba ku wa 17 rusama uno mwaka. Iyo myiyamamazo izotangura igenekerezo rya mbere gushika ku rya 14 Rusama uno mwaka nyene. Izokwama itangura 14 kuva isaha 12 z’agatondo kugera isaha 12 z’umugoroba . Iryo tegeko rikaba ryibutsa ko abanyamigambwe hamwe n’abigenga biyandikishije mu murwi CENI utegura amatora aribo bonyene bemerewe gukora imyiyamamazo. Iryotegeko ry’umukuru w’igihugu rinamenyeshako imigambwe hamwe n’abigenga bemerewe gukoresha ibinyamakuru vya Leta muri iyo myiyamamazo. Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora rusabwa gufasha kugira abari mu myiyamazo bose bashobore guhabwa ijambo ku rugero rungana mu binyamakuru vya Leta. Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu rirabuza gukwiragiza ivyandiko bijanye nokwiyamamaza mu bantu bari ku kazi hamwe no mu mashure yaba aya Reta canke ay’abigenga.

• Mu runani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’Abarundi barashima ibiri muri iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu. Pierre Célestin Ndikumana arongoye umurwi w’abashingamateka batowe muri urwo runani avuga ariko ko bafise amakenga kw’ishirwa mu ngiro ry’ibiri muri iryo tegeko. Afatira ko hirya no hino mu gihugu haguma hibonekeza abatavuga rumwe na Leta bahagarikwa bakekwako bariko barigisha kuzotora oya. Pierre Célestin Ndikumana agasaba ko ataworengera itegeko ry’umukuru w’igihugu mu kubuza uburenganzira bumwe abazoba bari mu myiyamamazo.

• Urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari mu Buhungiro Cnared-Giriteka ruriyayamiriza itora rya kamarampaka ritegekanijwe ku wa 17 Rusama rubona yuko Uburundi bugeramiwe rugasaba amakungu gufatira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura harimwo no kubuza ibidandazwa vyinjira n’ibisohoka biva mu Burundi nk’uko yabigize mu 1996 ngo kugira hakingirwe amasezerano y’Amahoro no gusubiza hamwe y’i Arusha. Ku bwa Cnared iryo tora ry’ibwirizwa shingiro riza gufuta iryo mu 2005 no guhamba burundu amasezerano y’i Arusha. Ku bwa Cnared ibwirizwa shingiro ryo mu 2005 ryavuye mu masezerano y’i Arusha kandi ryari ryafashije Abarundi gusubiza hamwe bimwe biboneka inyuma y’imyaka myinshi y’ubwicanyi Cnared ibabazwa kandi nuko umuryango wa Africa y’ubuseruko utashoboye kugondoza umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero nkurunziza kugira yitabe Ibiganiro kugira Abarundi batore umuti uvuye mu kuganira. Yibutsa yuko kandi inyuma y’itora rya kamaramparampaka ryo mu kwezi kwa gatanu kuza ata vyo kuganirako bizoba bikiriho. Ivyo vyose Urunani Cnared rwabishikirije mw’itangazo rwasohoye inyuma y’inama rwakoze kuva kuri uyu wa 21 Ndamukiza.

• Hari umukenyezi yitwa Christine Tuyizere wo murunani Amizero y’abarundi muri zone Kizuka mu ntara ya Rumonge yanyurujwe muri iri joro ryakeye. Ngo akaba yanyurujwe na bamwe mu mbonerakure baramukubagura, akaba yagiye kuboneka mubu cagucagu. Uwo mukenyezi akaba rero yashoboye kwandarira mu gipolisi aho yashengeje abamukubaguye. No muri commune ya Burambi haravugwa umuntu haciye indwi yarakubitswe n’abantu bita ko ari Imbonerakure ubu akaba apfunzwe bamwagiriza yuko yabatutse akongera akabafata amasanamu n’amajwi.

• Abantu 5 barimwo umukenyezi afise umwana w’amezi 6 barahagaritswe muri commune Giheta intara ya Gitega. Bahagaritswe ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana n’uwutwara igipolisi muri iyo ntara. Kugera kuri uyu wa mbere ku murango bari bakiriko barabazwa mu gipolisi. Bakaba bafatiwe aho bari mu bunywero ngaho mu Giheta. Amakuru dukura mu gipolisi akavuga bariko babazwa ku bijanye ngo n’amanama bariko barategura. Abegereye abo bahagaritswe bo bavugako bariko bazira imvo za politique kuko ngo bayoboka umu nyapolitique Agathon Rwasa. « Ntibirimwo ko badufatira ingingo ». Ku bijanye n’abanyaporitike bandikiye amakungu bayasaba gugarika umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, avuga yuko bayandikiye uwutariwe. Bari bakwiye kwandikira Abarundi.

• Ishirahamwe ryinshinze kugwanya urudandazwa rw’abantu n’amabi akorerwa abakenyezi n’abana, ONLCT : où est ton frère rimenyesha ko abigeme babarundikazi bagera kuri 25 bafatiwe mu gihugu ca Kenya bagira bajanwe kugurishwa mu bihugu vy’ Abarabu. Iryo shirahamwe risaba igipolisi c’Uburundi gukorana n’ica Kenya kugira batahukane abo bigeme mu Burundi bakaba bafashwe ku munsi wa gatanu.

• Abanyagihugu baba muri quartier ya Carama mu gisagara ca Bujumbura baratewe n’amazi mu mazu yabo. Ivyo bikaba vyatewe n’imvura yaguye ku mugoroba wo kuruyu w’Imana. Abo banyagihugu bavuga ko amazi ava mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura ariyo abatera mu gihe mvura iguye. Basaba Reta ko yobacira imiserege ishobora gutwara ayo mazi.

• Mu gi polisi kijejwe gutabara bemezako amazu 32 yabomotse aho muri quartier ya Carama ayandi 6 aruzuramwo amazi bivuye kumvura yaguye kuruyu w’Imana. Abari murico gi polisi bakaba bari bazindutse gufasha gukura amazi murayo mazu yari yarengewe. Vénant Hakizimana umuyobozi ajejwe gutunganya ibikorwa vyogutabara murico gipolisi akavugako ico kwihutirwa gukorwa kugira amazi ntaze aratera mu mihana yo muriyo quartier iyo imvura iguye ngo nuko hokorwa imifurege minini kuko iyihari ngo bibonekako ari mito cane.

• Umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abakinyi barenza imyaka mirongo ibiri wararonse uburenganzira bwokubandanya amahiganwa yo gushaka itike yo gukina inkino zanyuma z’igikombe ca Afrika zizobera muri Niger mu mwaka uza inyuma yo gutsinda ethiopie mu nkino zibiri.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.