Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 RUSAMA 2018

22/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 RUSAMA 2018

• Amezi 22 ararangiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Mugenzi wacu yabuzwe irengero kw’igenekerezo rya 22 mukakaro umwaka wa 2016. Abamubonye ubwanyuma bavugako bamubonye ari i bugarama mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava aho yabonywe ubwanyuma akavugako yoba yabonywe yurijwe imodoka yo murwego rw’iperereza. Mugi polisi no mubutungane bemezako amatohoza akibandanya kuriyo dossier. Aho ni mugihe ikinyamakuru Iwacu yakorera citwariye umuntu atazwi izina Plainte contre X mururimi rw’igifaransa.Ico kinyamakuru co kumwe n’umuryango w’abandi bamenyeshamakuru babandanya basaba ko ukuri kwomenyekana kuyashikiye mugenzi wacu. Muri kino gihe umuryango w’uyo mumenyeshamakuru warahunze ukaba wamenyeshejeko wariko urakorwa ko iterabwoba arico gituma wahisemwo guta ugahunga.

• Hari ikiziga c’umuntu bivugwa ko ari umuntu yunguruza abantu kwipikipiki catowe kumugoroba wo kuruyu wa mbere muri quartier ya gasenyi mu gisagara ca muyinga.amakuru dukura aho imuyinga akavugako ico kiziga catowe mukinogo, amakuru dukura mu bunguruza abantu aho mugisagara ca muyinga akemezako ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano nubusuma kuko imoto yuwo muntu yishwe yahavuye itorwa muri quartier mukoni murico gisagara nyene. Abo banguruza abantu bakemezako ubusumwa bwimonogoje kuko no mundwi iheze hari uwundi mumotar yazimiye kugeza ubu akaba atawuzi irengero ryiwe, mugipolisi bakamenyeshako umuntu umwe yahagaritswe kumvo zamatohoza.

• Imoteurs 4 z’ubwato bwokuroba hamwe n’ubwato 2 bwokuroba n’ibindi bikoresho vy’uburovyi vyaribwe mw’ijoro ryo kuruyu wa 1 mu kiyaga tanganyika muri commune NyanzaLac intara ya Makamba . Abantu bataramenyekana bitwaje ibirwanisho akaba aribo batwaye ivyo bikoresho. Abarovyi bakorera murico kiyaga basaba Leta y’uburundi ko okorana na Let aya Congo kugirango barabire hamwe ingene ubwo busuma bwotuzwa kuko ngo bwibonekeza cane murino misi bukaba kenshi kubarovi baba bari mu mazi y’ikiyaga atumbereye k’uruhande rwa Congo.I makamba , FélixNzorubonanya.

• Umugambwe RANAC ubona ko amatora ajanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ry’ibwirizwanshingiro yaranzwemwo n’utunenge twinshi. Uyo mugambwe ufatirako igikogwa co guharura amajwi ata muco caranzwemwo. Kubw’ umuvugizi w’umugambwe Ranac, Georges Nikiza ngo bafise amakenga ko utwo tunenge tuzokwibonekeza no mu yandi matora, ivyo navyo ngo bikaba bishobora gukwega indyane mu banyagihugu. Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD urashima ko ayo matora yagenze neza mumutekano Ntangere. Evariste Ndayishimiye umunyabanga mukuru wuyo mugambwe agahamagarira abandi banya politique biyamamaje bahamagarira abanyagihugu gutora oya ko bokwerekana démocratie mukwemera ivyavuye mu matora. Evariste Ndayishimiye akabonako ubu abanya politique bokwicarana mubiganiro kugira bategurire hamwe amatora yo mu 2020. Urwego rw’umuhuza mu Burundi ruhamagarira abanyepolitike bitavye amatora kwemera ivyayavuyemwo ngo kugira bibafashe kwitegurira ayandi matora yimirije. Ivyo bikaba biri mw’itangazo rwasohoye kuruyu wa 2. Urwego rw’umuhuza runahamagarira kandi abanyepolitike n’abandi barundi bahunze gutahuka kugira ngo nabo nyene bitegurire amatora yo mu mwaka w’2020.

• Leta zunzubumwe za amerika zimenyeshako amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro yabaye atabwigenge abanyagihugu bafise. Biri mwitangazo basohoye kuruyu wa mbere igihe ibitigiri mfatakibanza vy’ivyayavuyemwo vyari vyashikirijwe numugwi ujejwe gutegura amatora ceni. Leta zunze ubumwe za Amarika ikabivuga ifatiye kwiyugarwa ry’amaradio voa na BBc mukiringo camezi atandatu adasamiranira mu burundi.ikindi avuga muriryo tangazo nuko naho bemeye ko abatavuga rumwe na reta bemerewe kwiyayamariza ayo matora gwabanywanyi babo bamwe barakubaguwe abandi bategwa ubwoba imbere yukwo ayo matora aba. Ikindi ngo nukwo nayo matora yabaye atabarorerezi bigenga baje kuyacungera.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.