Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 NTWARANTE 2018

22/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 NTWARANTE 2018

• Kuruyu wa 4 amezi 20 araheze atawuzi irengero rya Mugenzi wacu Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana yabuzwe irengero igenekerezo rya 22 ukwezi kwa mukakaro mu mwaka wa 2016. Abamubnye ubwanyuma bavugako bamubonye muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava mu bamubonye ubwa nyuma yemezako yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza. Ivyabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba caritwariye umuntu atazwi(porter plainte contre x) kugirango ukuri kumenyekane kuvyashikiye Jean Bigirimana. Nayo mu bushikiranganji bw’ubutungane bavugako batanguje amatohoza. Umuryango wa Jean Bigirimana nawo ukaba wahavuye uhunga mu gihe wabonako ugeramiwe.

• Umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR umenyesha yuko mu matohoza wakoze umaze kumenya ko abantu barenga ibihumbi 50 babuzwe irengero , hamwe n’abababa ibihumbi 9 bagirizwa kuba baragize uruhara mu mabi yabaye mu Burundi. Jean Louis Nahimana arongoye CVR yemezako igikorwa cawo co kugendera Abarundi bari mu ntara kugira bawufashe gutahura ivyabaye mu Burundi uriko urakiranginza. Musenyeri Jean Louis Nahimana ivyo yabishikirije kuruyu wa 4 igihe uwo murwi wari watunganije uruganda kubakenyezi n’urwaruka kubijanye n’ubutungane bw’inyuma y’intambara. Akaba yanameneyeshejeko abarundi bakorewe amabi barenga ibihumbi 20 biteguriye kuvuga ivyo babonye . Akemeza yuko umugwi wiwe umaze kumenya abantu barenga ibihumbi bitanu bakingiye abantu bari bageramiwe no kwicwa. Waraharuye kandi Abarundi hafi ibihumbi bitandatu bashaka gutanga ikigongwe n’abandi bakoze amabi bashaka kugisaba.

• Kuruyu wa 4 n’umusi mpuzamakungu wahariwe amazi. Hano mu burundi uyu musi ugeze mugihe mw’ Ishirahamwe rijejwe gutanga amazi Regideso ryemezako imicafu iri mukiyaga Tanganyika ituma iryo shirahamwe rigira ingorane mukuyungurura amazi imbere yuko bayakwiragiza mu mihana. Izindi ntambamyi iryo shirahamwe rigira mukazi karyo ngo nuko hari abubaka kumiringoti yiryo shirahamwe. Désiré Nsengiyumva umuyobozi w’igisata c’amazi muri Regideso akemezako izo ari zimwe mumvo zituma iryo shirahamwe ritanga amazi mabi canke naho amazi agakama mu mihana. Désiré Sengiyumva akibutsako ibice 80 kw’ijana vy’amazi atangwa na Regideso ava mu kiyaga Tanganyika.

• Ishirahamwe Parcem ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo nivyiyumviro kugira bashike kwiterambere rirama ribonako hano mu Burundi hari amazi menshi cane. Parcem rikaba rinegurako amazi ahari mugihugu atabungabungwa neza.Afatirako ngo kugera ubu mu burundi abarundi barenga ibice 30 kw’ijana bataronka amazi meza. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye Parcem ngo iyo haba hariho umugambi wokubungabunga amazi uburundi bufise, igihugu ngo cohungukira vyinshi kuko amazi ngo ari itunga ridasanzwe. Faustin Ndikumana arongoye Parcem.

Mu bushikiranganji bw’amazi bamenyesha ko bariko bariga ingene bokingira imisozi n’inzuzi zihanamiye ikiyaga ca Tanganyika.Ubwo bushikiranganji buranemeza ko hari intara zifise ubukene bw’amazi nka Rumonge, Bubanza na Kirundi. Jérémie Nkinahatemba, n’umuyobozi w’igisata kijejwe gutunganya amazi murubwo bushikiranganji ahamagarira amashirahamwe yigenga gufasha gukwiragiza amazi murizo ntara.

• Ubushikiranganji bujejwe ivyagateka kazina muntu buriyamiriza abariko barasaba irekurwa irekurwa ry’abantu 5 bari mubaharanira agateka kazina muntu bapfunzwe muri kino gihe. Abo bantu akaba ari uwitwa Germain Rukuki, Nestor Nibitanga hamwe n’abandi 3 bakorera ishirahamwe Parcem muntara ya Muramvya. Mw’itangazo kubamenyeshamakuru ubwo bushikiranganji bwasohoye,bumenyeshako ngo ubutungane bw’uburundi ari urwego rwigenga arico gituma ngo rudakorera kugitsure. Arico gituma ngo bwiyamiriza abamaze imisi ngo bariko barandikira abarongoye inzego z’igihugu basaba irekurwa ryabo bantu.

Ubushikiranganji bw’agateka kazina muntu bukavugako ngo kuba uwuharanira agateka kazina muntu bidasigura ko udakwirikiranwa n’ubutungane mugihe wakoze ivyaha canke warenze amategeko. Tukabibutsako abo bantu bose uko ari 5 bapfunzwe bagirizwa ko basahatse guhungubanya umutekano w’igihugu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.