Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 RUSAMA 2018

21/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 RUSAMA 2018

• Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura amatora ceni mu burundi uhejeje gutanga ibitigiri mfatakibanza vyivyavuye mu matora ya kamarampaka yabaye mundwi iheze.petero claver Ndayicariye amenyeshako ego yatsinze kuri 73, 26 % nayo abatoye oya ni 19, 34 % akanavugako abarundi bitavye ayo matora krugero rurenga 96 %.umukuru w’umugambwe w’abadasigana Uprona barashima ibitigiri mfatakibanza vyatwanzwe numugwi ceni . Abel Gashatsi akavugako bayishimye kuko ego yatsinze ariyo bigishije abanyagihugu bayitoye.icegera c’uwurongoye urunani amizero y’abarundi amenyeshako ibitigiri vyatanzwe na ceni batavyemera. Evariste Ngayimpenda akanemezako bagiye kwitwarira uwo mugwi mu butungane.

• Hari abayoboke bishengero fecabu mu bagera kw’icumi bombumanuko bwigihugu haheze imisi bafashwe n’igipolisi bagirizwa kugumura abanyagihugu ngo ntibaze batore ngo kuko ukwemera kwabo kutabemerera kwivanga mu vyapolitike.bamwe rero mu miryango yabo basaba ko ababo borekurwa canke dosiye zabo ngo zikihuta kugira bamenye icaha bagirizwa,

• Igisirikare c’uburundi cemeza ko umutekano wifashe neza muntara za Cibitoke na Bubanza. Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Colonnel Floribert Biyereke akavugako atakimenyetso nakimwe kihari cerekana ko hari uturere tw’izo ntara turimwo abarwanyi. Akavugako abakwiragiza ayo makuru boba ari abafise intumbero za politique. Uwo avugira igisirikare c’uburundi ivyo abishikirije mu gihe kuva mumpera zino ndwi twaraye turangije hari amakuru avuga ko hari abarwanyi binjiye ku gataka k’uburundi bashikira muturere tumwe tumwe tw’intara za Bubanza na Cibitoke bavuye mu gihugu kibanyi ca Congo. Ayo makuru akanavugako murutwo turere humvikanye amasasu menshi .

• Icegera c’umunyamabanga w’ ishirahamwe ODAG rijejwe iterambere rya diocèse nkuru ya gitega Patiri Caritos Niyoyitungirayatowe ikiziga kuruyu wa 1 kiri mubiro iwe mukigo ca diocèse nkuru ya Gitega. Amakuru ava ahatowe ico kiziga bagakekako uyo mupatiri yoba yiyahuye abandi nabo bagakekako yahawe ishano.

• Patiri mukuru wa paruwasi nyabihanga mu ntara ya mwaro yaraye arashwe n’abantu batamenyekanye bamusanze mu nziwe. Ildefonse sabokwigina akaba yarakomeretse bikomeye mu nda , ahandi afise ibikomere nikukuboko hamwe no kukuguru.amakuru dufise akavugako yabanje kujanwa kuvurigwa mubitaro vyo mukibumbu, imbere yuko azanwa i bujumbura kuko bivugwako amagara yiwe ameze nabi cane.

• Leta y’uburundi yemezako Inama y’ibihugu bigize isoko rusangi rya afrika y’ubuseruko n’ubumanuko Comesa iatarayimeneysha ibijanye nuko inama yivyo bihugu yari itegekanijwe kubera hano i Bujumbura itazohabera. Philippe Nzobonariba avugira Leta y’uburundi agasigurako atari umukozi akora muriyo nama afata ingingo yoguhindura ahabre iyo nama abicishije mw’itangazo risanzwe ahubwo ngo abakuru b’ibihugu bagize iyo soko nibo bategerezwa kurungikira urwandiko umukuru w’igihugu c’uburundi.

Philippe Nzobonariba akemezako Leta y’uburundi ibandanya kwitegurira iyo nama. Ivyo Philippe Nzobonariba abishikirije inyuma yaho umunyamabanga mukuru w’inama y’ibihugu bigize isoko rusangi rya Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko yasohoye itangazo rivugako inama igira iya 20 y’ivyo bihugu izobera i Lusaka mugihugu ca Zambiya mu kwezi kwa mukakaro uno mwaka. Ni mugihe iyo nama vyari bitegekanijwe ko ibera hano i bujumbura mu kwezi kuza kwa 6. Iyo nama ikaba yari yasibijwe mukwezi kwa 10 kw’umwaka uheze wa 2017 yari kubera hano mu Burundi, aho hatanzwe insiguro zuko basanze uburundi budashoboye gutunganya iyo nama. Ariko munyuma harafashwe ingingo yuko iyo nama yobera hano muburundi mukwezi kwa 4 kwuno mwaka turimwo ariko nahonyene yahavuye ihindurirwa kw’isango ryo mukwezi kwa 6 uno mwaka.

• Ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bumenyesha ko ikibazo ca leta co mu mwaka w’icenda kizotangura kw’igenekerezo rya gatanu gushika kuryi indwi ukwezi kwa ruheshi mu 2018. Umunyamabanga ntayegayezwa mur’ubwo bushikiranganji akavuga ko abanyeshure baba ibihumbi 100 aribo bazokora ico kibazo ca leta. Aho asaba abariko baragitegura kwisunga amategeko.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.