Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 RUHUHUMA 2018

21/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 RUHUHUMA 2018

• Kuruyu wa kane hazoba umwiherero hagati y’abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko EAC i Kampala mu gihugu ca Ouganda. Uwo mw’iherero uzokurikirwa n’inama isanzwe igira iya 19 izohuza abo bakuru b’ibihugu kumusi wa 5 igenekerezo rya 23 kuno kwezi ahonyene i Kampala. Igihugu c’uburundi kikaba kizoserukirwa n’icegera ca 1 c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Evelyne Maniragaba avugira icegera ca 1 c’umukuru w’igihugu yemezako Muriyo nama igira iya 19, icegera cambere c’umukuru w’igihugu muvyo azoshikiriza harimwo ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

• Ishirahamwe Olucome ryiyemeje kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Leta risaba abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Africa y’ubuseruko gukora ibishoboka vyose kugira ibiganiro hagati y’abarundi bibandanye. Gabriel Rufyiri arongoye Olucome asaba kandi ko hofatirwa n’ibihano uwokwanka kuja murivyo biganiro. Anasaba nuko ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro abantu batavyumvikanye navyo nyene vyobanza guhagarikwa .

• Bamwe mubanya politique batavuga rumwe na Leta bari hano mu Burundi hamwe nabari hanze basaba umuhuza mu biganiro hagati y’abarundi Benjamin Mkapa koyogondoza abagize Leta y’uburundi bakemera kuja mu biganiro biyihuza nabo batavuga rumwe. Léonce Ngendakumana umwe murabo banya politique akavugako atanyishu ishobora kuboneka kubibazo biri muburundi mugihe Leta itazoba iremera kuganira nabo batavuga rumwe. Ivyo abishikirije inyuma y’umubonano abo banya politique bagiranye n’umuhuza Mkapa kuruyu wa 2. Léonce Ngendakumana akavugako umuhuza Mkapa yabasavye ko abanya politique batavuga rumwe na Leta bokwiyunga bakareka kwicamwo imigwi.

• Syndicat y’abaforoma Synapa bakorera kukigo kivura indwara zo mu mutwe kiri mu kamenge aho bita kwa legentil bahagaritse imirimo kuva kuruyu wa gatatu mugatondo. Adolphe Niyongere arongoye Syndicat Synapa amenyeshako bahagaritse imirimo kubera imisi 8 bari batanze kugira ubuyobozi bubumvirize yaheze atakirakorwa.

• Akavbazohagarika imirimo mukiringo c’imisi 3 aho ngo bazokora imirimo ibayabaye gusa.Abo bakozi muvyo biyamiriza hakaba harimwo ko ubuyobozi bw’ivyo bitaro bwabankiyeko syndika yabo ikoresha ama nama, ikindi naco ngo nuko batahawe uturusho duhabwa abakozi hamwe nuko ngo haheze umwaka hatarashirwaho umurwi ufasha gutora inyishu hagati y’abakozi n’abakoresha kurivyo bitaro. Uwo arongoye Synapa akavugako atagikozwe muriyo misi itatu bashobora kuzobandanya guhagarika akazi

• Abagwayi hamwe n’ababarwaje twasanze kurivyo bitaro bararajwe ishinga niryo hagarikwa ry’akazi . Igihe twahaca mugatond ko kuruyu wa 3 bakaba bari babuze uwubavura. Bakabonako bizogira ingaruka kumagara yabo kuko bategekwa kudahagarika imiti. Basaba ababijejwe gutora inyishu hakiri kare.

• Frère Hypolite Manirakiza arongoye ikigo c’abarwayi bo mu mutwe ah bita kwa Le gentil, yatumenyeshejeko ivyo abo baforoma basaba atafatiro bifise. Akavugako abo bakozi bariko basaba inama y’ibintu bitarashirwaho n’itegeko. Nayo kubijanye n’amafaranga y’uturusho twokumishahara, Hypolite Manirakiza avugako ari amafaranga badategerezwa kuronka kuko aramafaranga bahora bahabwa canke ntibayahabwe kandi ngo baragishikirije inama ijejwe intwaro kurivyo bitaro. Nayo kubijanye n’umurwi ujejwe gutora inyishu hagati y’abakozi nabakoresha avugako utarashirwaho ariko akibutsako hari izindi nzego zihari ziriko zirakora kurivyo bitaro zishoboye gutora inyishu kubibazo vy’abakozi.

EAC

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.