Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 21 kigarama 2017

21/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 21 kigarama 2017

• Leta y’uburundi yarafashe ingingo yokuzokwugara ubuserukizi bwayo mu gihugu ca Norvège mu mwaka uza wa 2018. Ambassadeur Bernard Ntahiraja umwunganirizi w’umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu yemezako iyo ngingo yafashwe muntumbero yogutunganya gushasha ibijanye n’imigenderanire y’uburundi n’ibindi bihugu. Kubwa Bernard Ntahiraja ngo imigenderanire y’uburundi na Norvège izoguma yifashe neza kandi n’abarundi baba murico gihugu ntakizobuzako bazoguma batunganirizwa kuko bazomenyeshwa ahandi bazohura bitura. Uyo yunganira umushikiranganji wimigenderanire y’uburundi nayandi makungu Yemezako ingingo nkiyo yafashwe no k’ubuserukizi bw’uburundi mugihugu ca Irani.
• Icirwa cashizwe ahabona n’ikigo cishinze gukinga no kubura amabi Cenap cerekana ko Urwaruka rurenga 75 kw’ijana mu Burundi ntiruri mu migambwe. Abo mu bisagara nibo batitaho kw’injira mu migambwe gusumba hagati mu gihugu. Urwaruka rwinshi kandi rwipfuza yuko imigambwe yogabanuka mu Burundi. Abashika 70 kw’ijana ntibashaka kwinjira mu migambwe mu minsi ya Vuba. Mu bituma hakaba harimwo ko bamwe barengerwa n’ivyo imigambwe ikora abandi nabo ntibamenye ibikorerwa mu migambwe

• Ishirahamwe Olucome ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta ryemezako ritatanze urutonde rw’abanywanyi baryo muri CENI kugirango bazoshirwe mu mirwi y’intara CEPI izofasha mugutegura amatora yokwemeza cane guhakana ibwirizwa nshingiro. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avugako ridashobora gufasha mubikorwa vyoguhinyanyura ibwirizwa nshingiro mugihe ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro rikiri kurutonde rw’ingingo aberwa n’ibiganiro hagati y’abarundi batarumvikanako. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME.

• Ishirahamwe ONELOPE ryishinze gukwirikirana ibijanye n’amatora ryo ryemezako ryatanze muri CENI abazoriserukira mu mirwi itegura amatora kurwego rw’intara CEPI. Kubwa Gilbert Becaud Njangwa arongoye iryoshirahamwe,ngo ntanumwe yarakwiye kwanka kwitaba ico gikorwa kuko ngo kuvyanka ari ukwanka ko démocratie itsimbatara mugihugu. Gilbert Beacaud Njangwa aongoye ishirahamwe ONELOPE.

• Kuva mu ntango zumwaka uza wa 2018 komine Rumonge ikaba ariyo igiye kwitoreza ama taxe mu masoko atandukanye mu gihe ayo masoko yarakoswe ingingo yafashwe ninama mpanuzwajambo ya komine . Amashirahamwe yarakose ayo masoko yoyo abona o ari akarenganyo akaba mbere amenyesha ko agiye kwitura ubutungane mu gihe ngo amasezerano yariho atari bwaragire Mwishorahamwe Parcem mu ntara ya Rumonge ho basaba impande zose kwicarana bakavugana ibintu bitarashika mu butungane .

• Igikorwa co gukura abana mw’ibarabara ngo nticokorwa mu kivunga.Kubw’umwigisha muri za kaminuza Joseph Ndayisaba, ngo imvo zituma abana baja mw’ibarabara ziratandukanye.Umwana wese bobanza kumenya icatumye aja mw’ibarabara bakanagitorera inyishu. Joseph Ndayisaba ahanura kandi n’abajejwe umutekano ko batofata abana bo mw’ibarabara bose nk’abasuma.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.