Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 19 RUHUHUMA 2018

19/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 19 RUHUHUMA 2018

• Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni umenyesha ko abantu barenga imiliyoni 5 aribo biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro n’amatora yo mu mwaka w’2020. Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi Ceni yemeza ko ibice 112,01 kw’ijana vy’abari bategekanijwe kwandikwa aribo biyandikishije.Uwo arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni ahamagarira abarundi bose kubika neza agapapuro baronkejwe umusi wo kwiyandikisha.

• Imiriyoni irenga 141 y’amadorare y’abanyamerika ni iyo ikenewe mu mugambi kugira wo gufasha abantu barenga imiriyoni zine bakenewe gufashwa vyihuta muri uyu mwajaka w’2018 mu Burundi. Ivyo bivugwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire bufadikanije n’umuhuza bikwokorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu Burundi.

• Umuyaga ukaze warahitanye abarovyi 8 baroba mu Kiyaga Tanganyika ku ruhande rwo mu Rumunge. Ubwato burenga cumi bwarononekaye. Igikorwa co kurondera ibiziga vyabo n’aboba bararokotse catanguye.

Abarovyi b’aho mu Rumonge basaba ikigo Igebu gikwirikirana ihindagurika ry’ikirere kuja kirabibamenyesha iyo kimenye ko hari imiyaga ishobora guca mu kiyaga Tanganyika.

• Igiporisi kimenyesha ko cegeranije abantu bo muri zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura kugira kibibutse kurikanura gusumba uko bahora. Vyabaye inyuma y’isaka ryakwirikiye iterwa ry’igrenade kuri uyu w’Imana ku mugoroba hafi y’ikirindiro c’abaporisi. Igrenade ntaco yononye ariko abantu 15 bakekwa kuyitera baciye bahagarikwa ubwo nyene. Ku bw’igiporisi abanyagihugu b’aho babwirizwa guhiga abo bantu batera amagrenade. Grenade zitatu zikaba zaratewe aho muri zone Musaga mu gihe kidashika indwi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.