• Ibitigiri vy’imfatakibanza vyivavuye mu matora yabaye kuruyu wa 4 vyatanguye kumenyekana. Icibonekeza nuko mu ntara zose ego ariyo iza ubwa mbere. Intara ya Karusi ikaba iya 1 mu batoye ego nayo Bujumbura mairie ikaza imbere mu batoye oya.
Urunani amizero y’abarundi ruvuga ko rutazokwemera ibizova mu matora yaraye abaye y’ukwemeza canke uguhakana ibwirizwa shingiro. Bivugwa na Pierre Celestin Ndikumana arongoye umurwi w’abashingamateka bo mu mizero y’abarundi. Yemeza ko amatora yaranzwe n’utunenge twinshi, aha akavuga nkaho ibiharuro vyagiye biravugwa bidasa nivy’abarorerezi babo babonye hamwe naho abarorezi bakomoka mu mizero y’abarundi bakumiriwe.
Umugambwe Uprona urashima ingene amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwanshingiro yagenze. Abel Gashatsi arongoye umugambwe w’abadasigana avuga ko bashimishwa n’ingene abarundi batoye hakiri kare kandi mu mutekano aho ngo ata n’utunenge twaranze aya matora.
•Abakinyi b’umurwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 baraye bamaze amasaha 7 ku kibuga c’indege c’i Kharthoum muri Soudan babuze uwubakira mu gihe bagiye gukina urukino rwo gusubiriza n’umurwi nserukira gihugu wa Soudani w’abatarenza iyo myaka. Ni mu nkino zo kurondera itike yo kuzokina igikombe ca Afrika izobera muri Niger mu mwaka uza.