Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 18 RUSAMA 2018

18/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 18 RUSAMA 2018

• Ibitigiri vy’imfatakibanza vyivavuye mu matora yabaye kuruyu wa 4 vyatanguye kumenyekana. Icibonekeza nuko mu ntara zose ego ariyo iza ubwa mbere. Intara ya Karusi ikaba iya 1 mu batoye ego nayo Bujumbura mairie ikaza imbere mu batoye oya.
Urunani amizero y’abarundi ruvuga ko rutazokwemera ibizova mu matora yaraye abaye y’ukwemeza canke uguhakana ibwirizwa shingiro. Bivugwa na Pierre Celestin Ndikumana arongoye umurwi w’abashingamateka bo mu mizero y’abarundi. Yemeza ko amatora yaranzwe n’utunenge twinshi, aha akavuga nkaho ibiharuro vyagiye biravugwa bidasa nivy’abarorerezi babo babonye hamwe naho abarorezi bakomoka mu mizero y’abarundi bakumiriwe.

Umugambwe Uprona urashima ingene amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwanshingiro yagenze. Abel Gashatsi arongoye umugambwe w’abadasigana avuga ko bashimishwa n’ingene abarundi batoye hakiri kare kandi mu mutekano aho ngo ata n’utunenge twaranze aya matora.

•Abakinyi b’umurwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 baraye bamaze amasaha 7 ku kibuga c’indege c’i Kharthoum muri Soudan babuze uwubakira mu gihe bagiye gukina urukino rwo gusubiriza n’umurwi nserukira gihugu wa Soudani w’abatarenza iyo myaka. Ni mu nkino zo kurondera itike yo kuzokina igikombe ca Afrika izobera muri Niger mu mwaka uza.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.