Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 18 nzero 2018

18/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 18 nzero 2018

• Umurwi w’abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi uriyamiriza agatotezo kamaze imisi kagirirwa abanywanyi b’urwo runani. Pierre Celestin Ndikumana arongoye uwo murwi avuga batotezwa biciye mu majambo mabi akoreshwa hamwe n’ugufatwa kw’abanywanyi babo . Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe kuruyu wa 4 nuwo murwi w’abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi. Bagasaba Leta kureka abanyagihugu bose bakagira uburenganzira bumwe.

• Ubushikiranganji bw’abakozi na kazi bwasohoye kur’uyu wa kane itangazo aho rimenyesha abakozi bose ko bagiye gukatwa amafaranga yo guterera amatora kuva mu mpeera ya kuno kwezi kwa mbere . Mur’iryo tangazo uyo mushikiranaganji amenyesha ko mafaranga azokatwa ku mishahara y’ibanze salaire de base mu gifaransa .Umushikiranganji Felix MPozeriniga akamenyesha ko ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko nshikiranganji ryatewe ko umukono n’abashikiranganji babiri uwintwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uwujejwe ikigega ca reta . Nayo Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu burashima ingene igikorwa co gusigura ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro ry’uburundi . Pascal barandagiye aramutswa ubwo bushikirannji amaenyesha ko igihe co kwigisha gutora egeo canke oya kitarashika . Uyo mushikiranganji amenyesha ko umurwi CENI ariwo yuzo shikiriza ko ico kiringo kigeze .

• Leta y’uburundi yaritwariye sentare y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC urwego rw’umunyamabanga w’uyo muryango kuruyu wa 3. Nkuko vyemezwa n’umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’uburundi muruyo muryango wa EAC ngo bitwaye kugira iyo sentare ikurikize amategeko kubijanye n’itorwa ry’umukuru w’inama nshingamateka y’ibihigu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Amatora yatowemwo umushingamateka wo mugihugu c’urwanda Martin Ngoga. Umushikiranganji Isabelle Ndahayo yemezako ayo matora atakurikije amategeko. Leta y’uburundi yituye iyo sentare mu gihe bitegekanijwe ko kuva kuwa 22 kuno kwezi kugera kw’igenekerezo rya 9 ruhuhuma hategekanijwe I Kampala ibikorwa bizohuza abashingamateka bagize umuryango w’ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko.

• Hari abasore batatu harimwo babiri bavukana baahagaritswe n’igipolisi kuri uyu wa kane mu Ngagara muri quartier ya 4 komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura . Hari igihe c’isaha imwe zagatondo, bikaba vyabaye inyuma y’isakwa ryari rihejeje kugirwa ku muhana iwabo kandi ntacahatowe. Ico bagirizwa ntikiramenyekana. Umuryango wabo umenyesha ko boba bafungiwe mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Abo basore akaba ari Evariste Bimenyimana,Pacifique Butoyi hamwe na Thierry Ciza . Mu ntara ya Rumonge ahavugwa imisore 10 ifungiwe mu gasho ka komine Rumonge kuva ku muhingamo wok u munsi wa kabiri ,abo bose bafatiwe ku magara muri komiene Bugaraa bari mu muduga umwe bagana igihugu ca Tanzaniya ngo aho bari bagiye kutrondera akazi . Mu gipolisi bavuga ko babiketse ngo kuko atampapuro zinzoira babasanganye . Imirtyango yabo yo isaba ko borekurwa ngo kuko bose nari bafise uburanga muntu

• Amazu arenga 360 niyo yaraye abomotse kumitumba 3 yo komine rugombo intara ya cibitoke kumugoroba wo kuruyu wa gatatu. Abanyagihugu bakaba baraye hanze aho ibintu bitari bike vyononekaye ikitavuze n’ibikoresho vyabana bishure vyose vyononekaye bakaba bamwe batigeze baja kumashure . Barasaba gufashwa vyihuta kuko batabona iyo bagiye kuba canke ikigiye kubabeshaho. Buramatari w’intara y’a cibitoke munama yatunganije arikumwe nabajejwe gukinga impanuka kugira barabe ico bafasha abobanyagihugu bahuhuye nizo ngorane. Joseph Iteriteka akaba yasavye ko abavuka ntara bose cane cane ababa kuriyo mitumba eka n’abashoboye gufasha kugira bagarukire kurabo bakuye kurizo mpanuka.akanemera ko agiye gusaba cane cane amabati muri reta kugira bahe abamazu yabo yasambutse.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.