Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 18 Kigarama umwaka w’2017

18/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 18 Kigarama umwaka w’2017

• Inama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko EALA yasibije amatora y’umukuru wayo. Amatora yarategekanijwe kuri uyu wa mbere ntiyabaye kubera ko Abarundi batashimye kuja mu bikorwa vyayo basaba ikurakuranwa ku burongonzi bw’iyo nama nshingamateka. Abashingamateka bose bagize EALA bakaba barahiye kuri uyu wa mbere inyuma y’amezi 7 batowe.

• Bamwe mu banyagihugu baba ahagiye kwubakwa isoko ya Kijambere ahitwa mu Kavovo ku musozi wa Mayuyu muri comine Mukike intara ya Bujumbura basaba ko boronswa umuzibukiro. Ni mu gihe kuva kumusi wa kabiri w’indwi iheze amazu ari muri ico kibanza kizokwubakwamwo isoko hatanguye igikorwa co kuyabomora. Ingingo yafashwe n’ubuyobozi bwa komine. Amazu agera kuri 30 akaba ariyo amaze kubomorwa. Abanyagihugu amazu yabo yabomowe bidoga bavuga ko batigeze babimenyeshwa hakiri kare kandi ko ata muzibukiro bahawe. Bagasaba ababijejwe ko bobatunganiriza.

• Musitanteri wa Commune Mukike yemezako ico kibanza ari ica komine . Renovat Nimubona akavugako abo banyagihugu borindira urubanza ruzocirwa kuko ruri muri Sentare. Ku bwiwe ngo nibatsindira ico kibanza bazoheza bashumbushwe.

• Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana Fenadeb rubona ko ikiringo cari catanzwe kugira abana bo mw’ibarabara babe bahakuwe bose ari gito. Kubwa Jacques Nshimirimana arongoye urwo runani ngo ibisigaye gukorwa ni vyinshi. Abonako bishobora gutuma haca hakoreshwa inguvu, agasaba ko nyabuna hokwongerezwa ikiringo.

• Impapuro za ngombwa zahora zitangirwa ku murwa mukuru Bujumbura zigiye gutangura kutangirwa mu bibanza biri ku mirwa mikuru y’Intara ivyo bita GUP mu mpfunyapfunyo y’igifaransa. Ibibanza bitanu vyo mu ntara za Ngozi, Muyinga, Gitega, Mwaro na Bururi bizotangura gukora imbere y’uko uno mwaka urangira nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Félix Mpozeriniga.

• Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru intamba mu rugamba watahanye ikibanza ca kane mw’ihiganwa rya CECAFA utsinzwe n’umurwi w’igihugu ca Uganada . Mu nkino z’amaboko Basket ball basozereye ihiganwa ry’ishirahamwe ry’uyo mupira mu gisagara ca Bujumbura kakaba kabaye na karyo ko gushimira abakinyi bigenjeje neza

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.