Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 16 RUSAMA 2018

16/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 16 RUSAMA 2018

• Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura amatora ceni mu burundi amenyeshako atamuntu yogira amakenga kubantu bazotora bakoresheje udupapuro biyandikishirijeko récépissé mu gifaransa ko bashobora gutora kabiri canke akarenga .pierre claver Ndayicariye akavugako irangi bazoshira kurutoke rwuwuhejeje gutora rishobora kumara imisi itatu canke ine.

Uwurongoye umugwi ujejwe gutegura amatora mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko bahejeje kwitegura ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwanshingiro azoba ejo aho bukera kur’uyu wa 17 Rusama. Thérence Bizimana akavuga ko ibikoresho vy’amatora vyose bihari ko birara bishikanywe mu biro vy’amatora bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura bigera ku 931, kandi ko biteze abazoza gutora barenga ibihumbi 400.

• Abashingamateka bahurikiye m’urunani rw’abigenga amizero yabarundi basohoye itangazo imbere yumusi umwe kugira abarundi batore canke bahakane ibwirizwa shingiro rishasha, abo bashingamateka bamenyeshako umunwanyi wurwo runani umwe yapfuye, abagera kuri 59 barahagarikwa barapfungwa hadakurikijwe amategeko , abagera kuri 70 barakubitwa murizi ndwi zibiri ziheze igikorwa co kwiyamamaza gitanguye. bagasaba abanywanyi burwo runani ko boguma bafatanye munda kandi bakabasaba kwitabira amatora yo kuri uyu wa kane

• Igihugu c’ubu Suisse ngo kirafise amakenga mu gihe buca haba amatora y’ukwemeza canke uguhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Mw’itangazo caraye gisohoye kibicishije mu bushikiranganji bwaco bujejwe ivy’imigenderanire,ico gihugu kimenyesha ko ayo matora azoba mu gihe hari ibitagenda neza muvya politike. Igihugu c’ubu Suisse gihamagarira nyabuna abo biraba bose gusubira mu biganiro bishimikije akaranga mutima k’amasezerano y’i Arusha.Twagerageje kurondera reta y’uburundi kugira bagire ico bavuga kuriryo tangazo ariko tukaba twakenye.

• Ubushikiranganji bw’imico ninkino bumenyeshako kuva kuwambere ruheshi muruno mwaka gukoresha ikintu c’ubwenge caba icanditswe canke igikoze bitegerezwa kurihigwa amafaranga kuwugiye kubikoresha. Umushikiranganji pelate niyonkuru akaba abenyeshako hari ibihano bitegekanijwe kuwuzorenga kuriyo ngingo kubwivyo bamwe mubaririmvyi twavuganye bamenyeshako ari ingingo nziza ariko bakanegurako atawuzi angahe uwanditse iyo ndirimbo canke yakoze ico kindi kintu c’ubuhinga azokunguka.yves kami numwe mubaririmvyi akaba yarize n’ibijanye n’amategeko muri kaminuza y’uburundi numwe muribo.
Kubw’uwurongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi buburundi amical des musiciens du Burundi ari mubagwanye kugira iryo tegeko rigenga abahinga n’abanyamuziki droit d’auteurs ribeho. Bruno simbavimbere amenyeshako ari ryiza ariko akanegura ko abo bahinga batasiguriwe neza ukwo ico gikorwa kizogenda nacane cane ko hari abahinga bashatse batobicisha muri OBDA.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.