Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 16 RUHUHUMA 2018

16/02/2018 Edition : 1

•Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI wemeza ko inyuma y’imisi 8 hatanguye igikorwa co kwandika abazoja mu matora y’ukwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ ibwirizwa nshingiro hamwe n’amatora yo mu 2020 abamaze kwiyandikisha bangana n’ibice 92,2 kw’ijana vyabo bari biteze. Umurwi CENI ukavuga ko ico gikorwa kizorangira kuruyu 6 igenekerezo rya 17 kuno kwezi nkuko vyari bitegekanijwe.

Naho umurwi CENI uvuga ko utazokwongera ikiringo co kwiyandikisha kubipfuza kuja mu matora, abanyagihugu baracarondera karangamuntu ku bwinshi kugirango bashobore kuja kwiyandikisha. Aho twaciye kuruyu wa 5 hano mu gisagara ca Bujumbura hari imirongo minini y’abarondera karangamuntu. Abo banyagihugu bagasaba ko imisi yo kwiyandikisha yokwongerezwa.

No muntara ya Gitega abanyagihugu barondera karangamuntu baracari benshi. Abanyagihugu baho i Gitega basaba umurwi CENI kwongereza ikiringo co kwiyandikisha

Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana Fenadeb bemeza ko abanyeshule barenga 500 birukanywe ku mashule ngo ntibiyandikishije. Jacques Nshimirimana arongoye urwo runani akavuga ko bamaze kwirukanwa mu ntara za Rutana, Gitega, Kayanza na Bubanza. Agasaba abarongoye amashule gusubiza abana mw’ishule ngo kuko gutora ni ku bushake bw’umwe wese

•Ubushikiranganji bujejwe ubutungane bwatanguje kuruyu wa 5 mu ntara ya Ngozi igikorwa co kurekura abanyororo barabwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu co kuwa 31 kigarama umwaka uheze. Mw’ibohero rikuru rya ngozi hakaba harekuwe abagabo 458 n’abakenyezi 60 hamwe n’abana 6. Umushikirizamanza kizigenza wa Républika Sylvestre Nyandwi yari yaserukiye umushikiranganji w’ubutungane murico gikorwa, yamenyesheje ko abanyororo barenga ibihumbi 2500 mu gihugu cose barimwo abakenyezi 165 n’abana 80 aribo bazoronka ikigongwe c’umukuru w’ igihugu. Agahamagarira abajejwe intwaro kuzokurikirana abazoba barekuwe.

Forum des lecteurs d'Iwacu

1 réaction
  1. Non Muntara Yangozi Commune Nyamurenza Bigenda Gut Munyifato?

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.