Mardi 23 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 RUSAMA 2018

15/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 RUSAMA 2018

• Kuruyu wa 2 niho hashingurwanye iteka abantu 24 baguye mugitero c’abicanyi cabaye ku musozi Ruhagarika muri commune Buganda intara ya cibitoke. Hari mw’ijoro ryo ku musi wa 5 indwi iheze. Imiryango yabuze ababo cokimwe nabanyagihugu baba kuruyo mutumba basaba ko hokwongerezwa abajejwe umutekano kuruyo mutumba kugira ubwicanyi nkubwo ntibusubire kuhaba. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu we yabahamagariye gukomeza inyabune mugukinga umutekano.

• Urunani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi rwemezako hari abanywanyi babo 9 bakubaguwe baranakomereka igihe bari bavuye mu myiyamamazo ijanye n’amatora yokwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro yariko ibera mu ntara ya Gitega kuruyu wa 1. Pierre Celestin Ndikumana arongoye abashingamateka batowe mururwo runani yagiriza umurwi w’urwaruka rw’imbonerakure ko wategereye abanywanyi babo bariko baratahuka muri commune mubimbi intara ya Bujumbura baca barabakubagura barabaka n’ama télefone. Pierre Celestin Ndikumana akanegurako abajejwe intwaro muriyo commune ataco bakoze kugirango batabare.

• Ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi bumenyesha ko kw’igenekerezo rya 17 kuno kwezi turimwo azoba ari umusi w’akaruhuko kubakozi bose ba Leta. Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikiranaganji ajejwe abakozi n’akazi Félix Mpozeriniga afatirako kuruyo musi azoba ari umusi w’amatora ajanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.