Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 RUHUHUMA 2018

15/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 RUHUHUMA 2018

• Hatowe ikiziga c’umukenyezi muri zone Kizuka iri muri commune Rumonge muntara ya Rumonge. Abishe uwo mukenyezi ntibaramenyekana. Mugipolisi bavugako amatohoza yamaze gutangura.

• Bamwe mu banyepolitique baragiriza inzego zumutekano gukora imirimo yabo nabi kuko ico abategetsi batwara babatumye bagikora batarinze kwiyumvira naho kiba ari kibi.kubwabo bakemezako abo bajejwe umutekano bari bakwiye gukorera abanyagihugu bose kuko arico gikorwa bahamagariwe.ivyo ariko abo bajejwe umutekano bakavyamirira kure ngo kuko bakingira bose ariko bakemera ko hageze kubategetsi hari iciyongerako.ivyo bikaba vyavugiwe muruganda rwatunganijwe n’umugwi wigihugu ujejwe ukuri no kurekuriranira N’inkuru tubaza .

• Umugambi mpuzamakungu witaho amagara y’imiryango FCHI ufadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu watanguje kuruyu 4 umugambi mushasha wokurwanya ikiza ca Sida hano mu Burundi RAFJ. Uwo mugambi uje gusubirira uwundi wahahora PTME wafasha mukurwanya ko abakenyezi bibungenze bagendana umugera wa Sida bibaruka abana banduye. ClementNiyonsaba umuyobozi wuyo mugambi mushasha asigurako uwo mugambi uje kubandaniriza aho umugambi PTME warugejeje igikorwa cokurwanya SIDA. Umugambi PTME ukaba warangije ikiriko cawo muruku kwezi kwambere guheze arico gituma hashizweho umugambi mushasha uwusubirira.

• Abana 126 b’abarundi nibo bamaze kuvurwa ingwara z’umutima babifashijwemwo n’abaganga bava mu gihugu c’ubufaransa bahurikiye mw’ishirahamwe Mecenat Chirurgie Cardiaque. Mu rugendo bamwe murabo baganga barimwo ngaha mu Burundi bamenyesha ko baje gukurikirana abana bavuye uko bameze. Mw’ishirahamwe Bon samaritain risanzwe rifasha abo bana kugira bashike mu gihugu c’ubufaransa bavuga ko ari akarusho kadasanzwe kubona abo baganga bishikira aha mu Burundi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.