Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 15 Nzero umwaka w’2018

15/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 15 Nzero umwaka w’2018

• Ku wa 15 gushika ku ku wa 26 z’uku kwezi kwa mbere I Geneve mu gihugu c’Ubusuwisi hategekanijwe inama igira 29 yo kubaza ingene mu bihugu 14 harimwo Uburundi hafashwe ingingo zo guteza imbere agateka ka zina muntu. Abaserukira ivyo bihugu 14 bategerezwa kurenguka imbere y’umugwi w’abantu 47 b’Inama ya Onu ijejwe agateka ka zina muntu kugira bashikirize utwigoro ibihugu vyabo vyagize mu kwubahiriza agateka ka zina muntu. Bazoshikiriza ivyagenze neza n’intambamyi ivyo bihugu vyahuye nazo mu vyerekeye kubahiriza agateka ka muntu.

• Abana babiri barakubiswe bongera barahambwa igice gushika mu gakiriza kumunsi w’ejo, kumutumba Nyamabere, commune Musigati mu ntara ya Bubanza. Bakaba bagirizwa kwiba ibigori. Murunani rwamashirahamwe aharanira agateka kabana, Fenadeb bavugako bibabaje kubona ariho abantu bagifise imitima y’ibikoko. Jacques Nshimirimana, arongoye urwo runani agasaba ko ubutungane bwo kurikirana abo bagizi ba nabi. Abavyeyi nabo bakareka guta ishavu basanzwe bafitiranye ku bana.

• Abantu 11 bagizwe na 6 bava mu gihugu ca Tanzania hamwe n’abarundi 5 barafatiwe hafi y’amashuha yo ku Mugara muri zone ya Gatete muri komine Rumonge. Bakaba bari bagirizwa kuba bariko barahakorera ibintu bisa nivyo kubandwa. Bakaba baciye batwarwa n’igipolisi mu Rumonge. Kikaba kibagiriza ko ivyo bariko barahakorera bishobora guhungabanya amahoro n’umutekano. Imiryango yabo yo isaba ko ababo borekurwa ngo kuko ukubandwa vyamye bikorwa kuva na kera

• Abadandaza hamwe n’abayangayanga bo mu ntara ya Gitega bavugako babaye mu buzima bubi kuva aho abajejwe intwaro bafatiye ingingo yo kugara amasoko y’impene mu ntango za kuno kwezi. Bavugako Reta yari ikwiye gushiraho abaganga babizi kugira bavure iyo ndwara yateye izo mpene kugira ubuzima bwabwo bubandanye

• Mu mpera z’indwi yaraye irangiye, ubuyobozi bujejwe amagara y’ibitungwa niho bwamenyesheje yuko bibujijwe gufungura inyama z’ibitungwa bitobito vyuza birwaye canke vyishwe n’indwara. Ibibarwa bikabanza gupimwa n’ibisata b’ibijejwe. Ubwo buyobozi bwamenyeshe kandi ko mu ntara za Gitega, Kirundo na Mwaro ikiza c’indwara y’ivyo bitungwa kimaze kwibonekeza, uruja n’uruza rwavyo rubujijwe, kugira indwara ntikwire hose.

• Uburundi ngo ntiburabwa n’itegeko ribuza gukoresha amata akorwa n’ishirahamwe Lactalis. Mu budandarizo bw’imiti Arc-en-ciel basanzwe bazana ayo mata mu Burundi, bamenyesha ko amata bafise mu bubiko akomeye. Noella Mugarurinka avugira ubudandarizo bw’imiti Arc-en-ciel asigurako batigeze barangura amata mu mwaka w’2017 ni mu gihe amata arwaye arayakozwe mu mwaka w’2017. Agasaba abavyeyi ko boza bararaba amatariki imbere yo kugura amata. Inkuru ya Amandine Laure Inarukundo

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.