Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 NTWARANTE 2018

15/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 15 NTWARANTE 2018

• Ubushiringanji bw’intwaro yo mu gihugu hagati bwasohoye itegeko ritunganya ibijanye n’ubunywero burimwo ubutambiro bukora amasaha y’ijoro, hamwe n’ibijanye n’ amasengesho akorwa mu masaha y’ijoro. Bimwe mubigize iryo tegeko nuko kuva ubu amazu y’ubutambiro asohora amajwi abujijwe, ibisabisho biba mu masaha akuze yo mw’ijoro bibujijwe mugihe uruhusha rutatanzwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ca Bulamatari.

• Igenekerezo rya 15 ukwezi kwa 3 harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorwa n’abapolisi . Bamwe mubakora urudandazwa mugutembereza ibidandazwa bavuganye n’amakuru y’iwacu bavuga ko bakubagurwa n’abajejwe umutekano mu kazi kabo ka misi yose. Bagasaba abapolisi ko iyo hakenewe ko bahagarikwa bobikora mu rupfasoni.
Mubushikiranganji bujejwe umutekano ho bemezako mu Burundi atamabi ahari akorwa n’aba polisi. Pierre Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji agasigurako niyo bishitse aba polisi bagakoresha inguvu baba babirekuriwe n’amategeko kuko baba bariko barakingira umutekano abanyagihugu.

• Abana 39 bari bapfungiwe mu kigo cigororero kiri mu Rumonge barekuwe kuruyu wa 4. Ni muntumbero y’ishirwa mungiro ry’ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Abo bana barekuwe basaba ko abari bapfunzwe bahora biga bosubizwa kwishure. Abana 85akaba aribo bategekanijwe kuzorekurwa bakuwe mu bigo vy’igororero mu gihugu cose. Mu rumonge Félixe Nzorubonanya

• Harategekanijwe ihiganwa rizohuza imirwi y’urukino rwokunagana Judo yo mu bihugu vyo muri Afrika rizobera hano i Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 10 kugera kurya 13. Ubushikiranganji bujejwe ivy’inkino bubonako ari iteka ridasanzwe kugihugu kuko buzoba ari ubwambero ihiganwa nkiryo rije kubera hano mu Burundi. Jean Bosco Hitimana ajejwe ubwo bushikiranganji akavugako hazoba hahuriye ibihugu 35. Akavugako uretse ko ari iteka kugihugu ngo bizogira nico biterereye kubijanye n’ubutunzi bw’igihugu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.