Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 12 Ruhuhuma umwaka w’2018

12/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 12 Ruhuhuma umwaka w’2018

• Igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro nabazoja mu matora yo mu 2020 cabandanije ku musi ugira 5. Mu tunenge tumaze kwibonekeza ahanini nuko hari abariko barakora ico gikorwa bahagarikwa bagirizwa ko bariko baragikora ukutariko.

• Abanyeshure bo ku mashure amwamwe yisumbuye yo mu gisagara ca Rumonge bazindutse bategekwa n’abayobozi bayo kuja kwiyandikisha kugira baze batore mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro mu gatondo kuruyu wa mbere na yo mu mugwi ujejwe gutegura amatora aho mu ntara ya Rumonge bakamenyesha ko gushika kuri uyu wa mbere abanyagihugu barenga ibihumbi 50 aribo bari bamaze kwiyandikisha Mu rumonge Félix Nzorubonanya

• Mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu baremeza ko utwo tunenge batuzi. Prosper Ntahorwamiye avugira uwo murwi avugako abo bantu bafashwe hariko haraba amatohoza kugira barabe ko ivyo bagirizwa babikoze babishaka canke ari ukutamenya. Prosper Ntahorwamiye yibutsa ko umuntu wese afise uburenganzira bwo kwiyandikisha aho yipfuza Hose.

• Ubuyobozi bw’Urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi Cnared bwarahuye na bamwe mu ndongozi zine ziri muri urwo runani zaheruka kubwandikira zivuga ko zifise amakenga ku kugene Inama urwo runani rwitavye Inama y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi iheruka kubera i Nairobie muri Kenya. Muri uwo mubonano waraye ubaye, Umuvugizi w’urwo Runani Pancras Cimpaye yemeza yuko ubuyobozi bwabahumurije mu bubabwira ko urugamba Cnared yiyemeje rwo kurwanya guhinyanyura ibwirizwa Shingiro mu Burundi rutarahinduka.

• Umugabo azwi kw’izina rya Isaac Minani yarahagaritswe n’igiporisi kuri uyu wa 11 Ruhuhuma umwaka w’2018. Ni ku musozi Gakonko, zone Mugege, komine ya Butaganzwa. Yagirizwa kuba yanyuruje amatagisi angana n’umuriyoni n’ibihumbi 86 vy’amafaranga y’Amarundi. Muri kino gihe apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igiporisi i Butaganzwa. Igiporisi kivuga yuko amataohoza yatanguye.

• Umuyobozi w’ibiro bitanga impapuro za ngombwa bita « guichet unique » mu gifaransa vyaratanguye gukora mu ntara ya Ngozi. Umuyobozi wavyo Jéremie Nshimirimana amenyesha hatangirwa impusha zo kugendesha imiduga, za murekarengane n’impapuro zerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane. Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Fékix Mppzeriniga yari yamenyesheje ko ibiro mwen’ivyo bizotangura gukora mu ntara zitanu z’Uburundi huheza mu kwezi kwa mbere, uno mwaka.

• Icegeranyo giherutswe gusohogwa n’ibanki ya Afrika y’iterambere, BAD, cerekana ko ubutunzi bw’Uburundi bwifashe nabi, aho urugero rwo gutera imbere mu vy’ubutunzi ruri munsi y’ubusa n’uduce dutatu kw’ijana(-0,3%) muri uno mwaka w’2018. Ivyo BAD isigura ko bitumwa nuko icuka ca politike cifashe nabi kuva mu 2015 n’imfashanyo ziva hanze zikaba zarahagaze.

• Igenekerezo rya 12 ukwezi kwa 2, harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’intandara. Mu Burundi ngo haracariho ikibazo kijanye no kuronka imiti ivura iyo ndwara. Kubwa Jean Pierre Nshimirimana aserukira imbere y’amategeko ikigo citaho kurwanya indwara y’intandara, iyo miti nka yose iva mu mahanga. Avuga nuko iyo ndwara mu Burundi benshi batarayimenya.

• Mu bushikiranganji bw’amagara y’Abantu bamenyesha ko uwo musi mukuru atawo bahimbaje. Muganga Innocent Nkurunziza arongoye igisata kijejwe indwara zitandukira(maladies chroniques), amenyesha ko iyo ndwara bayifatira hamwe n’indwara zo mu mutwe. Ikindi avuga nuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufise umugambi wo gushigikira abarwayi b’intandara mu kuvura indwara mu gihugu cose.

• Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryasinye kuri uno wa mbere amasezerano yo gufashanya n’umuhora wo gutumatumanako amakuru lumite- Burundi. Amafaranga angana n’imiliyoni 140 niyo yatanzwe ngo azofashe umugwi Nserukira gihugu intamba mu Rugamba w’abakuze hamwe n’abakiri bato. Réverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwee ry’umupira w’amaguru mu Burundi akavuga ko ayo masezerano azomara umwaka

BAD

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.