Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 12 NDAMUKIZA 2018

12/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 12 NDAMUKIZA 2018

• Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigenga amasezerano y’iyinjira ry’Uburundi mw’ibanki y’Afrika yitwa AFREXIM BANK. Umushikiranganji w’ikigega ca leta avuga ko ubutunzi bw’igihugu buziyongera mu gihe Uburundi bwokwinjira mur’ iyo banki. Kuko ngo muvyo uburundi buzohungukira harimwo kuronka ingurane vyoroshe muriyo banki. Uburundi hamwe n’igihugu ca Soudan y’epfo akaba arivyo bihugu biri mumurynago wa Afrika y’ubuseruko bitarinjira muiyo Banki.

• Impunzi z’abakongomani zirenga ibihumbi 8 ziri mw’ikambi ya musasa iri muri commune Kiremba intara ya Ngozi zivuga zibayeho nabi. Izo mpunzi zikavugako zifise ubukene bw’ibifungurwa kuko ngo ivyo bahabwa usanga ari intica ntikize. Izindi ngorane bafise ngo nizijanye nokuronka ingene zivuza. Ivyo izompunzi z’abacongomani zabishikirije kuruyu wa 3 igihe uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR yari yagendeye izompunzi. Izo mpunzi zikaba zamusavye ko iryo shirahamwe ryoza rirazironsa imfashanyo zikwiye.

• Uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kwisi HCR yemezako iryo shirahamwe rigiye kuvugana nabo basanzwe bafashanya mugufasha izo mpunzi kugirango infashanyo zihabwa zongerezwe. Filipo Grandi ahamagarira ariko abarongoye ibihugu vyo muri kano karere ko bokwicarana kugirango batore inyishu kubibazo vy’impunzi ziri mubihugu bitandukanye vyo muri kano karere. Akavugako bidakwiye ko baguma mu makambi y’impunzi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.