• Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigenga amasezerano y’iyinjira ry’Uburundi mw’ibanki y’Afrika yitwa AFREXIM BANK. Umushikiranganji w’ikigega ca leta avuga ko ubutunzi bw’igihugu buziyongera mu gihe Uburundi bwokwinjira mur’ iyo banki. Kuko ngo muvyo uburundi buzohungukira harimwo kuronka ingurane vyoroshe muriyo banki. Uburundi hamwe n’igihugu ca Soudan y’epfo akaba arivyo bihugu biri mumurynago wa Afrika y’ubuseruko bitarinjira muiyo Banki.
• Impunzi z’abakongomani zirenga ibihumbi 8 ziri mw’ikambi ya musasa iri muri commune Kiremba intara ya Ngozi zivuga zibayeho nabi. Izo mpunzi zikavugako zifise ubukene bw’ibifungurwa kuko ngo ivyo bahabwa usanga ari intica ntikize. Izindi ngorane bafise ngo nizijanye nokuronka ingene zivuza. Ivyo izompunzi z’abacongomani zabishikirije kuruyu wa 3 igihe uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR yari yagendeye izompunzi. Izo mpunzi zikaba zamusavye ko iryo shirahamwe ryoza rirazironsa imfashanyo zikwiye.
• Uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kwisi HCR yemezako iryo shirahamwe rigiye kuvugana nabo basanzwe bafashanya mugufasha izo mpunzi kugirango infashanyo zihabwa zongerezwe. Filipo Grandi ahamagarira ariko abarongoye ibihugu vyo muri kano karere ko bokwicarana kugirango batore inyishu kubibazo vy’impunzi ziri mubihugu bitandukanye vyo muri kano karere. Akavugako bidakwiye ko baguma mu makambi y’impunzi.