Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 11 RUSAMA 2018

11/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 11 RUSAMA 2018

• Uwurongoye igipolisi mu ntara ya cankuzo yaraye ijoro ryiwe ryambere mu gasho kabagabo ko muntara yangozi, opc1 Donatien barandereka yahagaritswe nkisaha zine yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano wigihugu .uwo arongoye igipolisi mucankuzo apfunganywe na cleofas irankunda ari nawe yafatanywe inkoho yo mubwoko bwa pistolé yuwo mu commissaire.iyo nkoho igipolisi kikaba caciye kiyaka uwo musore bikavugwako niyo nkoho atariyakazi akaba atawuzi iyo yayikuye

• Urunani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi rubonako integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha rihonyanga amategeko. Agatho Rwasa arongoye urwo runani afatira ko leta itegeze iganira n’impande zose zibijejwe kungingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro rihari ubu. Ivyo yabishikirije mu myiyamamazo ijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro urunani Amizero y’abarundi rwakoreye muri commune ya Kabezi intara ya Bujumbura hamwe na Hano mugisagara ca Bujumbura kuruyu wa 5. Agathon Rwasa akaba yahamagariye abari bitavye iyo myiyamamzo kuzotora Oya murayo matora

• Kuruyu wa 5 hashizwe ahabona igitabo cahariwe gushima ibikorwa vyaranze umwigisha akaba n’umuhinga muri vya kahise Emile Mworoha.Ico gitabo kikaba canditswe na bamwe mu bigisha bo muri kaminuza y’uburundi bafadikanije n’abo mu zindi kaminuza . Mu kwandika ico gitabo abo bigisha bemeza ko bashatse gushima ubuntu n’uburezi vyaranze uyo mwigisha. Uwo mwigisha muri za kaminuza nawe yemeza ko ico gitabo camuteye iteka ryo kuja ku rugero rumwe n’abamwigishije ivy’ubuhinga muri vya kahise.

• Umuyobozi wigisagara ca bujumbura amenyeshako amasoko yasubiwemwo azokugurugwa kumugaragara kuwa 30 kuno kwezi.freddy Mbonimpa amenyeshako abadandaza bakorera mumasoko y kinama , jabe musaga na ruziba zizoba ziriko zirakora kuwo munsi ; mwikete yashize ahabona aranagabisha ko abadandaza baronse ibibanza ariko bataravyubaka ko bazovyakwa bigahabwa abandi badandaza babishoboye. Abadandaza b’amasoko ya ngagara, kinindo na kanyosha nabo basabwe kuriha amahera basabwe yo kubaka ibibanza vyabo kugira nayo bayugurure vuba .

• Hari umusozi watemvye mwijoro ryo kuruyu wa gatatu aho amahegitari 15 yimirima irimwo ibitegwa kumisozi ya kirungu na mirango .Abanyagihugu bo kuriyo misozi yo muri commune Vyanda intara ya Bururi barasaba kwimurigwa kuyindi mitumba ibara ritaragwa. Aho ni munyuma yaho uwundi musozi usidukiye mu mwonga mwijoro yo kuri uyu wagatatu. Abo banyagihugu bakabona ko bageramiwe, bakanasaba kugarukigwako

• Kuruno wa 11 rusama ukumwaka utashe isi iribuka Bob nesta marley umwami wumudiho wa reggea.nahano muburundi abarasta uwo muhisi bakaba bamwibutse inyuma yimyaka 37 yitavye imana.bamwe mubarasta twavuganye bamenyeshako kuba umurasta atari kunywa urumogi nkuko bamwe bavyibaza ahubwo ngumurasta ategerezwa kugira urukundo

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.