Mardi 16 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 11 nzero 2018

11/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 11 nzero 2018

• Hari ikiziga c’umusore azwi kwizina rya Ntirayibagira vincent kiri muburuhukiro vyibitaro vyumwami haled mukamenge ni hano mugisagara ca bujumbura.amakuru ava aho yakorera mwisoko iraho bita village market hagati mugisagara avugako uwo musore yari yazimiye atashe kumugoroba wokumusi wa kabiri.umuryango wiwe ukavugako ufise amakenga kucishe uwo musore kuko afise uruguma rumwe mumutwe kandi ivyo yarafise vyose vyazimiye.umuganga yamwakiriye akemezako n’imodoka yamuzanye aho kurivyo bitaro yaciye igenda atawuyimenye

• Abakozi begukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bahurikiye muma syndicat Synapa na SNTS bariyamiriza itozwa ry’amafaranga ku gasakisaki. Kubwa Mariya Bukuru ari mu rwego nshingwabikorwa rwa syndicat Synapa, ngo ntivyumvikana ingene boba bageze ku ncuro ya 3 mu kiringo kidashikana umwaka.

Ikindi ayo ma syndicat yiyamiriza n’ibijanye n’intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020. aha bakavugako amafaranga adatozwa hisunzwe uko ubushikiranganji bwabitegekanje.Kiretse ayo ma sendika ,ea ninani zibiri z’ama sendika cosybu na CSB basba ko bogishwa inama na cacane cacane ibiganiro kubijanye n’amafaranga bazoterera amatora . Mwikete bandikiye umushikiranganji w’ikigega ca reta bamusaba ko hobanza ibiganiron’ama sendika y’abakozi imbere yuko batangura guterera amatora yo muri 2020 .

• Bamwe mu barongoye imigambwe mu ntara ya Rumonge nti bashimishijwe n’igenwa ry’abari mu mirwiijejwe gutunganya amatora mu makomine agize iyo ntara . Bemeza ko bagizwe ahanini n’abari mu mugambwe uri k’ubutegetsi canke imigmwe n’amashirajhamwe bacuditse ,basaba ko ivyo vyokosorwa . Mu murwi cepi Rumonge bavuga ko abo bantu batowe hisunzwe amategeko .

• Ubushikiranganji bw’indero bwemeza ko ibitabo vyo mu mwaka wa kabiri mu gice ca kabiri c’amashure nshingiro biriko birakorwa kugira bizotangwe vuba mu mashure . Juma Eduard avugiraubwo bushikiranganji yemeza ko habaye ikibazo c’uburyo kuko amasoko yatanzwe ateba asaba abrezi kuba bariyungunganya mu gufotoza ivya bakoresha kugira barindire ko baronswa ibitabo .

• Abarangirije amashure yisumbuye kw’ishure ryisumbuye rya komine Mugamba umwaka w’ishure w’2015 ushira uw’206, ntibararonswa impapuro za ngombwa harimwo n’impapuro z’imitsindo . ntibatahura igituma mu gihe hegereje igihe co kwiyandikasha muri kaminuza. Umuyobozi w’iryo shure asigura ko hari habaye ikosa mu kwandika ku mpapuro z’imitsindo ariko rikaba ryarakosowe

• Abunguruza ibidandazwa vyabo ku makinga na cane cane amakara basaba leta ko yotegekanya imiduga bashiramwo amakinga mu gihe baba baduze. Nkuko bivugwa nabo bunguruza ivyabo ku makinga ngo bararuha gose kuko ubu batakirekuriwe gukoresha uburyo bavuga ko buborohera bita dunyuri, aho bafata inyuma y’umuduga uriko uragenda.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.