Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 11 Kigarama umwaka w’2017

11/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 11 Kigarama umwaka w’2017

• Amafaranga ibihumbi bibiri ku kwezi ku rugo n’igihumbi kimwe c’amafaranga y’amarundi ku munyeshure canke uwundi muntu afise imyaka yo gutora n’iyo agiye gutangwa kuva mu mwaka buca dutangura ku mwaka mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2020. Ivyo biri mw’itegeko ryateweko umukono n’abashikiranganji babiri uw’ikigega ca reta hamwe n’uwintwaro yo hagati mu gihugu. Muri iryo tegeko nshikiranganji kandi biboneka ko abakozi ba Reta bazotanga bivanye n’ayo umukozi ahembwa kandi akazoyakatwa kumushahara buri kwezi. Ivyo bikaba vyavuzwe na Pascal Barandagiye umushikiranganji mw’intwaro yo hagati mu gihugu

• Umugambwe UPD zigamibanga wemeza ko ushigikiye ihundurwa ry’ibwirizwa nshingiro .Kassim Abdul arongoye uyo mu gambwe avuga ko yibaza ko Reta izokoranya abanyepolitique kugira ibamenyeshe ivyahinduwe nk’uko igiye kubikorera abanyagihugu. Uyo arongoye Upd Zigamibanga avuga ko azomenya ico azobwira abanywanyi biwe amaze kubona ko ivyo yaterereye vyafatiweko .

• Mu mugambwe sahwanya Frodebu ho babona ko gutangura guhindura ibwirizwa shingiro mu gihe hataraba isuzumwa ry’amasezerano y’i arusha ari ugusubiza inyuma umugambi w’amahoro n’ukunywana kw’abarundi . Phenias Nigaba avugira uyo mugmbwe avuga ko ibiriko birakorwa nuruhande rumwe atakindi bizana atari ugucanishamwo abarundi ivyo navyo ngo vyamye bifise ingarukambi mu gihugu .

• Ivyo abo banyeporitike bakaba babishikirije mugihe ejo ku wa kabiri hazotanguzwa icese igikorwa co gusigurira abanyagihugu ibizohinduka mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi bikazobera muri komine Bugendana intara ya Gitega .

• Hari grenade yaraye itewe mu bunywero buri muri zone ya Bwiza mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Abantu babiri mu bari bahicaye akaba aribo baciye bahakomrekera. Abanyagihugu baho mu Bwiza bamenyeshako ibitero vy’amagrenade biguma biba bibatera ubwoba. Bagasaba ko abajejwe umutekano bokwongerezwa aho mu Bwiza.

• Abantu babiri umunyeshure n’umusirikare bitavye Imana abandi bantu batanu barakomereka mu masaganya abiri y’imodoka z’igisirikare yabaye mu gatondo ko kuri uyu wa mbere. Hakaba hari ku misozi ya Mpanga aho benshi bita Maridadi na Ntarambo yose yo muri zone Kabuye komine Kayanza kwibarabara rya Kayanza Ngozi . Izo modoka imwe yo mu bwoko bw’icamion yaguye yubamye haca hitaba Imana umusirikare umwe abandi bane barakomereka ihitana n’umunyeshure yari agiye gukora ikibazo . Ahitwa Mpanga naho imodoka yo mu bwoko bwa Pick up yasetse umusozi haca hakomereka caane umusirikare umwe .Iyo miduga yose yariherekeje umukuru wigihugu mu gisagara ca Ngozi . Ababonye ayo masanganya bemeza ko vyavuye kumuvuduko munini iyo miduga yarimwo .

• Abana babiri barapfuye abantu batamenyekanye igitigiri barakomereka inzu zitazwi igitigiri zirabomoka kubera imvura yaguye muri komine Bugenda mu ntara ya Cibitoke mw’ijoro ryo kuri uyu w ‘Imana . ibindu vyononywe n’imvura n’imirima yegereye uruzi rwa kaburantwa abanyagihugu bo muri komine Buganda basaba abagiraneza kubagarukirako kugira baronke aho barara baronke ivyo bafugura n’imbuto zo gusubiriza ibiterwa vyabo vyatwawe nimvura

• Ishirahamwe Olucome ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta ribonako integuro y’itegeko rigenga amafaranga Leta izokoresha mu mwaka uza risdashira imbere ineza y’umunyagihugu.

• Olucome rikiyamiriza iduzwa ry’ama tagisi atangwa n’abanyagihugu. Gabriel Rufyiri arongoye Olucome akabonako Reta itarikwiye kwihutira kuduza amatagisi ahubwo ngo yarikwiye kurondera ingene iduza ibisata bituma ubutunzi bwiyongera igutora inyishu ku bibazo bituma abafasha U burundi batanga infashanyo.

• Benshi mu barundi 127 bari bafungiwe mu gihugu ca Tanzaniya bashikirijwe abategetsi bo muri komine Mabanda kuri uyu wa gatandatu ntibashobora gushika mu ntara baje bavamwo . Abo banyagihugu bemeza ko atamafaranga y’i ticket bafise mbere ngo hari n’abataronka ingene bafungura kuko atamafaranga bari bafise . Basaba abagiraneza ku bafasha kugira baronke ingene bashika mu ntara baje bavamwo .

• Mu rwego rw’abashingwamanza bakukira sentare isubiramwo imanza hano i Bujumbura babonako hari amwe mu mategeko agenga abashingwamanza akeneye guhindurwa. Umushingwamanza Patrick Didier Nukuri ajejwe gutunganya ibikorwa mu murwi ujejwe gukwirikirana ibijanye n’amategeko muri urwo rwego atanga akarorero ko hakiriho inzego z’abashingwamanza 2 gusa kuri sentare zisubiramwo imanza zine ziri mu gihugu. Ivyo ngo bikaba biruko mugihe sentare zose zisubiramwo imanza zari zikwiye kugira urwego rwabashingwamanza.

• Patrick Didier Nukuri ivyo yabishikirije mu gihe urwego rw’abashingwamanza bakukira sentare isubiramwo imanza hano i Bujumbura rwari rwatunganije inama yo kurabirahamwe itegeko rigenga abashingwamanza mu Burundi.

• Umushikiranganji w’ibidukikije amenyesha ko bagiye gutera imivyaro y’ibiti ibihumbi 10 ku nkengera z’inzuzi mu ntumbero yo gukingira igisagara ca bujumbura. Celestin Ndayizeye akavuga ko abanyagisagara ari intambamyi kw’ihonywa ry’ibiti kuko aribo bakoresha amakara ava mu biti ; akavuga ko agiye gushigikira abijukiye gukoresha imbabura za kijambere n’amakara atava mu biti. Umushikirananji w’ibidukikije akaba abishikirije mu ndwi yahariwe igiti

• Umunsi mukuru wahariwe igiti uzohimbazwa ku wa 16 Kigarama muri komine Nyanzalac intara ya Makamba.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.