Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 08 RUSAMA 2018

08/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 08 RUSAMA 2018

• Uwurongoye urunani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi Agathon Rwasa yandikiye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI ko wofata mu minwe ikibazo c’uwitwa Réverien Niyimpa aherutse gutangazo ko agiye kugira imyiyamamazo kw’izina ry’urunani Amizero y’abarundi. Muriryo kete, Agathon Rwasa yemezako uyo muntu atazwi mu runani Amizero y’abarundi ari naco gituma atokwemererwa gukora iyo myiyamamazo. Aha tukabamenyeshako ivy biruko mugihe uwo Réverien Niyimpa yatangaje ko agiye guhamagarira abanyagihugu kuzotora Ego mu matora yimirije yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Ibitandukanye nivyo indongozi z’urwo runani ziriko zirigisha aho abanyagihugu bahamagarira kuzotora Oya murayo matora.Mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora ho bavugako uwo murwi utinjira mubijanye n’ingene abagize urwo runani bitunganije kubijanye n’inyigisho batanga. Prosper Ntahorwamiye avugira umurwi CENI avugako arirwo ruzi uko rutunganya abanywanyi barwo n’ivyo bigisha.

• Umurwi CENI uhamagarira abanyagihugu bose kuja gutora ikarata y’itora kuva kuruyu wa 3 igenekerezo rya 9 Rusama uno mwaka. Itangwa ry’iyo karata rikaba rizorangira kw’igenekerezo rya 13 Rusama uno mwaka nyene. Abiyandikishije bakaba bazoja gutora iyo karata mubibanza biyandikishirijemwo. Mukiganiro uwo murwi wahaye abamenyeshamakuru kuruyu 2, Prosper Ntahorwamiye awuvugira yamenyeshejeko abaja gutora iyo karata bogenda bitwaje udupapuro récepissé bahawe biyandikisha. Yemeza ariko ko nuwagataye ashobora kuzoronka iyo karata yitwaje ibimuranga.

• Ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya birafise impungenge kubijanye n’itunganywa ry’amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Mw’itangazo uwo muryango washize ahabona, unegura ingene ayo matora ariko ategurwa mugihe hari abanyagihugu bakorwa iterabwoba abandi bakaburabuzwa. Ikindi umuryango w’ubumwe bwa Bulaya unegura nuko ngo hatabanje kuba ukwumvikana hagati y’impande zose kubijanye niryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Ubumwe bwa Bulaya bukabonako ayo matora ateye kubiri n’utwigoro tumaze gukorwa mubijanye n’ibiganiro hagati y’abarundi bibera hanze. Uwo muryango ukaba uhamagarira Leta y’uburundi kwubahiriza amasezerano ya Arusha. Ibihugu vy’ubumwe bwa Bulaya bikayihamagarira gushira imbere ibiganiro bidakumira.

• Urwego CNC rwemezako abamenyeshamakuru bahan mu burundi bakorera i radio y’abongereza BBC hamwe n’iradio y’abanyameika VOA bafise uburenganzira bwokubandanya bakora nago imihora yayo ma radio ya hano mu Burundi yahagaritswe mukiringo c’amezi 6. Mw’itangazo uwurongoye urwo rwego yasohoye, afatira kuvyashikiye kuruyu wa 1 umumenyeshamakuru akorera VOA jean Bosco Ndarurinze aho yabujijwe n’uwurongoye igi polisi mu ntara ya Kirundo gukorera aho yari yagiye kurondera amakuru. Aho yasiguriwe ko atemerewe kurondera amakuru kuko i radio akorera yahagaritswe. Urwego CNC rukaba rumenyesha ko abamenyeshamakuru ataribo bahagaritswe urwo rwego rwahagaritse gusa imihora. Rugahamagarira abajejwe intwaro kuza barakorana neza n’abamenyeshamakuru.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.