Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 07 RUSAMA 2018

07/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 07 RUSAMA 2018

• Umumenyeshamakuru Jean Bosco Ndarurinze akorera i radio mpuzamakungu y’abanyamerika VOA yabujijwe gukora akazi kiwe ko kumenyesha amakuru. Yaragiye kurondera amakuru kurui uyu wa mbere . Nk’uko vyemezwa n’uyo mumenyeshamakuru ngo yari yagiye gukwirikirana imyiyamamazo y’umugamwe CNDD-FDD muri commune Busoni intara ya Kirundo. Abakozi bo mu rwego rw’iperereza muri iyo ntara hamwe n’uwurongoye igipolisi muri iyo ntara ya Kirundo baciye bamubuza gukora mbere baramwaka n’ibikoresho vyiwe bifata amajwi vy’akazi.

Abandanya yemeza ko bamusiguriye ko adashobora kubandanya akora mu gihe i radio akorera Ijwi ry’Amerika yafatiwe ingingo n’urewego CNC yo kutazosubira gusamiranira ku mihora ya hano mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu. Uwo mumenyeshamakuru avuga ko adatahura igituma abuzwa gukora mu gihe naho iradio akorera yabujijwe gusamiranira ku muhora wa hano mu Burundi isanzwe isamiranira ku yindi mihora yo mu bindi bihugu.

• Uwurongoye urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora Karenga Ramadhan yemeye kuzogira ico abivuzeko mu makuru yacu yo hanyuma abanje gukora amatohoza akamenya neza ivyashikiye uyu mumenyeshamakuru.

• Abantu 5 baraye bahagaritswe n’igipolisi muri zone ya Buyenzi komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Bakaba bagirizwa kugira inama zitemewe n’amategeko. Abanyagihugu baba hafi yaho vyabereye bavuga ko abo bahagaritswe bari mu gisabisho c’umubano rukristu. Bakavugako kugera ubu bataramenya aho ababo bapfungiwe

• Hari ikiziga c’umuntu catowe muri zone ya Kinama ahitwa Buhinyuza hano mu gisagara ca Bujumbura. Hari mugatondo ko kuruyu wa 1. Abakibonye bemezako uwo muntu yishwe aciwe umutwe kuko ico kiziga ata mutwe gifise. Umuvugizi w’igi polisi Dismas Manirakiza aremeza ayomakuru. Ariko uwo muntu ntaramenyekana uwariwe naho yiciwe.

• Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ikigo co kumutanga bamenyesha ko ata joro ricijana atamunyeshure akubiswe n’abandi banyeshure biyita ko bacunze umutekano mu masaha y’ijoro. Abo banyeshure bakemeza ko ufashwe ukubitwa ugashaya, abo banyeshure basaba ko umutekano wocungerwa n’inzego z’umutekano nk’uko vyahora canke ngo bamenyeshwe isaha nyezina yo gutaha

• OPC1 Celestin Nibona Bonansize ajejwe umutekano mu bigo vya kaminuza y’Uburundi yemeye kugira ico abivuzeko hanyuma.

• Ku ndwi igira 2 imyiyamazo ijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabandanije mu ntara zitandukanye z’igihgu. Aha twovuga nk’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD kuruyu wa 1 yakoreye imyiyamamazo yo guhamagarira abanyagihugu kuzotora ego murayo matora mu ntara za Kirundo, Bururi, Muramvya na Cibitoke. Nayo urunani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi rwakoreye imyiyamamazo yoguhamagarira abanyagihugu kuzotora Oya mu ntara za Cankuzo na Ruyigi. Imyiyamazo y’amatora yo kuwa 17 rusama yokwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro bitegelanijwe ko izorangira kw’igenekerezo rya 14 kuno kwezi turimwo.

• Abanyagihugu baba ku musozi Kirungu uri muri commune Vyanda basaba abagira neza kubagarukirako. Atari uko bemeza yuko bagiye kwicwa n’inzara. Ni inyuma yaho Ku musi wa 4 w’indwi iza umusozi Ruhobe wariko imirima yabo ingana na ma hegitari 10 wasenyutse urwa mu mwonga Nyentonga imirima yose igaca itwarwa. Abo banyagihugu bafise amakenga ku magara yabo kuko uyo musozi wasenyukiye muri uyo mwonga vyatumye amazi yawo adasubira gutemba neza ubu akaba ari ibidengeri vy’amazi, ibidengeri bituma imibu ica iba myinshi mu mihana ihegereye.

• Ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaguru Primus-Ligue Burundi ryarabandije ku munsi wa 28 mu mpera z’’indwi yaraye irangiye. Umugwi Les lierres yatsinze Athletico igitsindo kimwe ku busa. Flambeau de l’Est yatsinzwe na les jeunes athletics kimwe kuri bibiri. Musonganti yanganije n Messager Bujumbura ibitsindo bibiri kuri bibiri. Vital’O yanyagiye Delta Star ibitsindo 8 ku busa. Olympic Star yatsinze Buja City kimwe ku busa. Inter Star yanganije na LLB ubusa ku bundi. Messager Ngozi yatsinze Ngozi City ibistindo bibiri kuri kimwe. Flambeau du centre yanganije na Aigle Noir ibitsindo bine ku bindi. Messanger Ngozi rero iza mu Kibanza nca mbere n’amanota 66 igakurikirwa na LLB ifise 63. Iya nyuma ni Delta Star ifise amanota 9.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.