Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 04 RUSAMA 2018

04/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 04 RUSAMA 2018

• Iradiyo mpuzamazamakungu y’Abongereza BBC n’iy’Abanyamerika VOA zigiye kumara amezi atandatu zidasamiranira mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya ndwi Rusama. Urwego rw’igihugu rukirikirana imiromo y’ibimenyeshamakuru CNC rwafashe iyo ngingo, mu vyo ruyagiriza harimwo kudakurikiza amategeko yo kumenyesha amakuru. CNC iragiriza BBC gukoresha ibiganiro bicanishamwo Abarundi, Ikarega Radio ijwi ry’Amerika gutanga inkuru ku mbuga ngurukana bumenyi z’amaradiyo yugawe no guha akazi umumenyeshamakuru akwirikirinwa n’ubutungane bw’Uburundi. Ramadani Karenga , umukuru w’ico Kigo amenyesha ariko ko ayo maradiyo ashobora kwitura ubutungane abonye yarenganijwe.

• Si ayo maradiyo abiri yafatiwe ingingo yonyene. Radio Isanganiro, na CCIB FM plus zagabishijwe na CNC ku bijanye n’ingene zitohoza amakuru no kudakurikiza amasezerano yagiraniye n’urwogo rukirikirana ibinyamakuru mu Burundi. Iradiyo y’Abafaransa RFI nayone yagabishijwe. Yagirizwa gutanga amakuru ku Burundi ahengamye kandi arimwo kubesha.

• Umushingamateka Agathon Rwasa Asaba abanywanyi biwe kuzotora Oya kuko ibiri muri mu nteguro y’ibwirizwa shingiro atavyo batumye Umuntu numwe. Mu ntara ya Kanyanza iyo myiyamamazo yabereyemwo kuri uyu wa gatanu, abanywanyi b’urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi rurongoye na Agaton Rwasa bavyina biyamiriza agacinyizo no gukumirana. Abaporisi ariko ngo bafata amasanamu y’abanywanyi bari muri ivyo bikorwa nabo bakabo ko ukwo ari ukubatera ubwoba. Imyayamamazo y’urwo runani ikaba yabandanije no mu ntara ya Muramvya.

• Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD urabadanya imyiyamazo yo guhamagarira abanyagihugu kuzotora Ego mu matora yimirije yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Mu myiyamamazo uyo mugambwe wagiriye muri commune Mishiha intara ya Cankuzo kuri uyu wa 5, Icegera c’umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe Joseph Ntakarutimana yahamagariye abanywanyi buyo mugambwe bari bitavye iyo myiyamamazo kwigenza neza muri kino gihe himirije ayo matora kugira abo badasangiye ivyiyumviro ntibaronke aho babaca mukubagiriza ko bariko barababurabuza.

• ntuzokwiyamamariza gutora EGO canke Oya mw’itora rya Kamarampaka ryerekeye ibwirizwa shingiro. Mu mvo z’ibituma harimwo ko Integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha Ranac itarayibona. Ibona yuko Ico ari igikorwa kiraba kitaraba imigambwe. Naho biri uko, Uwo mugambwe kandi umenyesha ko uzomenyesha abanywanyi bawo n’Abarundi bose ico bazotora niwabona iyo ntegurugo atari uko naho ngo barafise ubwenge bwo gutora ico babona kibashimishije

• Ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Burundi, buremeza yuko igikorwa co kwiyamamariza gutora Ego cane Oya mw’ibwirizwa shingiro kiriko kigenda neza cane. Buranahaka yuko hari abanyagihugu bafatwa bagirizwa ko bazotora Oya. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekao Pierre Nkurikiye akavuga ko abiyamamaza n’ababikurikirana bacungerwa neza.

• Imiryango 383 yataye ingo zayo kubera umwuzurira watewe n’uruzi Mutimbuzi muri quartier Kiyange ya mbere ibayeho nabi bitewe no kubura inyubakwa bakikamwo umusaya, ivyo bafungura bikwiye n’ivyo bambara. Abo bateshejwe izabo basaba abagiraneza ko bobafasha. Uwutwara quartier Kiyange ya mbere arabahumuriza ababwira ko uruzi rwahawe inzira akanamenyesha ko leta n’umuryango utabara imbabare Croix-Rouge bimaze kubagarukirako.

• Kubw’umuhinga mu bijanye n’itunganwa ry’ibisagara n’ibidukikije, Bernard Sindayihebura, imvura yaguye muri uku kwa kwa kane ni nyinshi gose ari co gituma hibonekeje imyuzurira ahatari hake mu kiyaya c’Imbo. Ahanura leta kwubakira inkombe z’inzuzi kugira amazi ntasubire kwonona mu gihe c’imvura nyinshi.

• Impari hagati y’abanyamadini zaraye zihatswe kwiha inkumbi mu muji wa Gitega. Bapfa gupfuba ikiziga c’uwitavye imana. Abari mw’idini rya islam ari nabo bahuriye ku buruhukiro bw’ibitaro batangura gutata n’abasigwa gushika aho igipolisi n’abarongoye intwaro baza gutabara. Aba islam bavuga ko yopfubwa hakurikijwe imigenzo y’abisiramu abasigwa b’abachristu nabo bakabona ko yoba ashinguwe nk’uwutagira umuryango

• Imiriyaridi amajana abiri na cumi n’ibiri niyo igize umwimbu ikigo kijejwe gutoza amakori OBR cinjije muri Leta mu gice ca mbere c’umwaka. Muri ayo harimwo imiriyaridi 90 yinjijwe mu kwezi kwa gatatu gusa. Ivyo biharuro ngo bisumba ibice bigera kuri cumi na bibiri kw’ijana vy’umwimbu wari witezwe. Ivyo biharuro , komiseri mukuru w’ikigo OBR yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Audace Niyonzima akavuga yuko uwo mwimbu uva hanini ku butunzi bw’igihugu butera bwisununura hamwe n’ingingo zagiye zirafatwa nico kigo nko gushiraho fagitire imwe isa ku badandaza n’abagwizatunga bose.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.