Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 02 RUSAMA 2018

02/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 02 RUSAMA 2018

Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD uhamagarira abarundi bose kuzotora ego mu matora yimirije yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Uwo mugambwe wabishikirije kuruyu wa 3 muri commune Bugendana intara ya Gitega aho wariko uratanguza imyiyamamazo ijanye nayo matora. Uwo mugambwe ukaba wasiguriye abanyagihugu batari bake bari bitavye iyo myiyamamazo ko integuro y’ibwirizwanshingiro rishahsha niyemezwa abarundi bazoba barose ibwirizwa nshingiro rijanye n’ibihe igihugu kigezeko vyokwiteza imbere kuko ngo iryahahora ryari rifatiye kubihe vyokuva mu ntambara.

urunani rwabigenga amizero y’abarundi nabo batanguriye kwiyamamaza kuri stade muremera muntara ya ngozi. Bakaba basavye abanywanyi babo hamwe nabarundi bose kuzotora oya. Agaton Rwasa akaba yamenyesheje ko iryo bwirizwa rikumira bamwe rigashira hejuru abandi.
umugambwe abadasigana Uprona watanguye igikorwa co kwiyamamariza amatora yo guhindura ibwirizwa shingiro muri komine ya nyabiraba mu ntara ya Bujumbura. Abel Gashatsi arongoye uwo mugambwe agahamagarira abadasigana kuzotora ego. Kubwa Abel Gashatsi ati abadasigana bategerezwa gutora ukwo kuko ingingo 305 niya 292 zo mwibwirizwa shingiro ryo mumwaka wa 2005 zitahindutse kandiko hari amategeko amwamwe yataye igihe vyari bikenewe ko bifutwa canke bigahinyanyurwa.

N’umugamwe UPD zigamibanga usaba abanywanyi buwo mugambwe gutora ego mumatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.abdul kasim arongoye uwo mugambwe yabivuze mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatatu
Abungere b’ekleziya katolika mu Burundi basaba abarundi kuguma bafatanye mu nda muriki gihe c’amatora yo kwemeza canke guhakana impinyanyuro y’ibwirizwa shingiro. Musenyeri Joachim Ntahondereye amenyesha ko iki kitari igihe ciza co guhindura ibwirizwa shingiro bafatiye ku ngingo ya 299. Iyo ngingo ikavuga ko intenguro y’ihinyayurwa ry’ibwirizwa shingiro itemerwa mu gihe iteye kubiri n’ubumwe bw’abarundi. Abungere b’ekleziya katolika mu Burundi bahanura abarundi kuzokurikiza ikizoba cavuye mu matora

Leta zunze ubumwe z’america ngo ziratewe impungenge n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi. Mw’itangazo ikigo kijejwe ivy’imigenderanire ca Leta zunze ubumwe z’america caraye gisohoye, bariyamiriza ihohoterwa rikorerwa abatavuga rumwe na leta bafatwa nk’abadashigikiye iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Leta zunze ubumwe z’america zisaba leta y’uburundi gukurikiriza amategeko mpuzamakungu ajanye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Kuruhande rwa Reta y’uburundi kurivyo bivugwa na reta zunzubumwe bwa amerika imenyeshako umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ugushaka kwabanyagihugu.kubwuwuserukira uburundi muri ONU ambasaderi Albert shingiro ati ugushaka kwivanga kwigihugu cose mubiraba ikindi gihugu ati nicaha gikomeye cane kuko ametegeko atarekura ko igihugu cinjirira ikindi mubibazo bitakiraba.Albert shingiro akemezako amategeko ya ONU atomoye kandi abuza vyumwihariko ko ibihugu bihurikiye muriryo shirahamwe ukwo bigana canke ububasha bifise atabubasha bafise bwo kwivanga mubitabaraba.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.