Woba wari uzi Kayoya Mikaheri ?

Kw’igenekerezo rya 8Kigarama 2013 hazoba haheze imya 79 patiri Kayoya Mikaheri avutse.Kuva mu mwaka w’2009, ikinyamakuru Iwacu caramwitiriye agashimwe gatangwa uko umwaka utashe ku mwanditsi yasumbije abandi. None Kayoya ni nde ? yamaze iki ? – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Patiri Kayoya Mikaheri ©Iwacu

Patiri Kayoya Mikaheri ©Iwacu

Kayoya Mikaheri yavukiye mu Kibumbu muri komine Kayokwe mu ntara ya Mwaro igenekerezo rya 8 Kigarama 1934. Kuva mu 1943 gushika 1948 yize amashure y’intango kuri paruwase ya Kibumbu hanyuma abandaniriza amashure yisumbuye kw’iseminari ntoya y’i Mugera kuva mu 1949 gushika mu 1955. Yashitse mw’iseminari nkuru y’i Burasira mu 1955 gushika mu 1958. Uwo mwaka yaciye yinjira mu muryango w’abavugabutumwa kandi b’abapatiri bera aho yaciye aja mu gihugu c’Ububirigi. Amazeyo imyaka itanu, ni ho yaca aheba uwo mugambi wo kuja mu bapatiri bera, aca agaruka kumarira ivyigwa kw’iseminari nkuru i Burasira mu 1962. Yatiwe nk’umusaseredoti itariki 8 Mukakaro 1963.

Yamaze iki ?

Amaze kuba umusaseredoti yaciye atanguza ikigo ndangakaranga co mu Buyogoma kuko yari asanzwe ari umwibutsamana kw’ishure rikuru ryo mu Rusengo. Ico kigo cahavuye cugara kuko patiri Kayoya yahavuye aja kubandaniriza amashure yiwe mu Bufaransa mu 1964 gushika 1965.
Agarutse mu Burundi baciye bamushinga amabanga yo guserukira imihari y’ubutumwa yegukira Ekereziya Gatorika hamwe no gukwiragiza amashirahamwe y’ukuguranana. Mu 1967 bamushinze amabanga yo kurongora iseminari ntoya y’i Mugera. Mu 1970 aca aja gutwara igisata c’ubutunzi muri diyoseze ya Muyinga kuko ubutunzi butari bwifashe neza. Aho ni ho yaca atanguza uburyo bwo kwigisha ingene amaparuwase yobaho akoresheje uburyo bwayo haba mu kurima canke mu kworora. Ubwo buryo bwahavuye bushimwa ndetse butangura gukurikizwa n’ayandi ma diyoseze. Yari afise n’umugambi wo gutanguza ikigo c’ababikira i Muyinga hanyuma ntibavyumvikanako na musenyeri yamutwara Bihonda Nesitori, uwo na we akaba yahavuye asubira kumutuma muri diyoseze ya Gitega mu 1971.

Kayoya Mikaheri yari umwanditsi kandi ntiyarya umunwa

Mu bitabo bibiri yanditse, patiri Kayoya yarashimikira cane ku mico n’akaranga vyamye biranga abarundi. Mu vyo yanditse ntiyibagira guhayagiza agateka k’umukenyezi naho ico gihe Ekereziya Gatorika itari bwajijuke ku ruhara rw’umukenyezi mw’iterambere ry’urugo n’igihugu. Yaranegura cane intwaro ya gikoroni yo yatumye ku bwiwe abarundi batari bake bata akaranga kuko bataye mu nda nsa imigenzo mishasha y’iburaya.

Ntiyarya umunwa…

Naho benshi bafata nk’ikizira kuvuga ibitagenda neza muri Ekereziya Gatorika, we yaravyubahuka. Akavuga yuko naho abakirisu ari benshi hariho ababa abakirisu ku musi w’Imana gusa, na yo ahandi ari ingwe zambaye inshato z’intama.
Yifatiyeko akarorero, yaragaya cane inyigisho zitangwa n’amashure, aho we yabona yuko zitandukanya umunyeshure n’igihugu ciwe canke n’ukuntu abarundi bari babayeho. Yabona ko batigishwa gukunda igihugu n’abarundi canke ingene bobakura mu bukene. Yarandika cane avuga ko abazungu bigishije abarundi ingeso mbi zo guhahamira amaronko nk’ukuronka inzu za Reta, impuzu nziza, gukunda inzoga njabukamazi n’ibindi vy’imburakimazi.
Mu mpanuro yatanga yakunda kuvuga ko abarundi bokubita agatima mpembero bagasubira ku mico yabo ya kera ishingiye ku buntu hamwe no ku Mana, iteka , ubupfasoni , ubutungane hamwe n’ubuvyeyi.

Yitavye Imana gute ?

Mu ntambara yo mu 1972 hari abamwagirije yuko ari umunyamacakubiri afatiye ku moko, aca atabwa mu mvuto i Gitega co kimwe n’abandi bihebeye Imana batari bake. Nta rubanza baciriwe ahubwo bahavuye bajana kwicwa mw’ijoro rya 17 Rusama, hanyuma batabwa mu kinogo kimwe hafi y’uruzi Ruvubu.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *