Vyoshoboka ko tugarukira imico?

Urwaruka rwa none ntirugihurumbira ikirundi nk’uko vyari aho hambere. Abakurambere bavuga ko abavyeyi no mu mashure bogira uruhara mu gukundisha urwo rurimi abana kugira ntirugende amazimayongo – Vyanditswe na Gatavu Daniyera

Ntibasharira  Dorofo: ”Umwe umwe wese ategerezwa  kugira uruhara mu gukingira  isubira inyuma ry’ururimi rw’ikirundi.” ©Iwacu

Ntibasharira Dorofo: ”Umwe umwe wese ategerezwa kugira uruhara mu gukingira isubira inyuma ry’ururimi rw’ikirundi.” ©Iwacu

Ku bwa Ntibasharira Dorofo, abarundi ntibishimira ururimi rwabo. Bariko barata ururimi rw’ikirundi ari bo botegerejwe kuba akarorero bakagishira imbere y’indimi mvamahanga. Abandanya avuga ko abavyeyi bobaye akarorero k’abana babo mu kubakundisha ikirundi aribo bagicinyiza. Aho atanga akarorero aho mu kuvuga bavanga ikirundi n’izindi ndimi cane cane igifaransa.
Niyonzima Geremana, yahoze ari umwigisha w’ikirundi, avuga kumwe na Ntibasharira . Ku bwiwe, abavyeyi barera abana babo babahimiriza gukunda indimi zo hanze ngo ni ho boba ari abize b’ukuri, aho ururimi rw’ikirundi ata gaciro baruha. Uwo yahoze yigisha icirwa c’ikirundi agira ati: ”Muri iyi myaka abavyeyi ntibakiganiriza abana babo ngo bongere babigishe imyibutsa, imigani n’ivyese ngo babereke agaciro k’ururimi rw’ikirundi. Vyibonekeza ko imboneshakure zaje gusubirira ibiganiro vyari hagati y’abavyeyi n’urwaruka.” Yongerako ko no ku mashure ikirundi batagiha amasaha akwiye umuntu agereranije n’ibindi vyigwa. Ati cigishwa hamwe n’izindi ndimi, igiswahiri, icongereza n’igifaransa, bigatuma abanyeshure basukiranya indimi bakabura urwo bamenya neza kurusha izindi.
Ku bwa Ntibasharira, inama nyinshi mu buzi butandukanye zikorwa mu kirundi ariko ivyegeranyo bikagirwa mu rurimi rw’igifaransa. Umuyobozi umwe w’ishure ryigenga ryo mu gisagara ca Bujumbura, aridoga kubona ata mirwi yigisha akaranga ikihari ku mashure yisumbuye atandukanye, agira ati: ”Ubu n’imirwi yahora yigisha ivyo akaranga yahora yibonekeza mu mashure yisumbuye nta yikiriho. Na mike yoba ikiriho uyisangamwo igitigiri gitoyi cane c’abanyeshure, bahitamwo imirwi yigisha igifaransa, icongereza canke imirwi yigisha gutamba intambo z’ikizungu. Ku bwiwe, ivyo vyerekana ko abanyeshure ata gaciro baha akaranga k’igihugu cabo, ati aho bitangarije abanyeshure benshi barayoberwa mu cigwa c’ikirundi.
Ku bwa Nganda Johana, umumenyeshamakuru w’umurundikazi, abarundi ntibakunda na gato ururimi rw’ikirundi canke na ho ntibishimira kubona ari abarundi. Uwo mwigeme ivyo abivuga yisunze abarundi bakubitira mu gihugu kibanyi c’Urwanda bakagaruka bavuga ikinyarwanda n’aho baba bamazeyo indwi imwe. Arongera ati ivyo abanyarwanda nta vyo bagira n’iyo baba bamaze imyaka itanu hano mu Burundi. Ntibasharira aremeza ko ikirundi gifise imperekeza, ngo iyo umuntu akivuga arerekana ibigumbagumba, urupfasoni, kwicisha bugufi, hamwe n’ubugwaneza. Ni ururimi rutunze cane kandi rwikwije ndetse n’abatari abarundi barashobora kumenya ko abaganira ari abarundi. Atanga akarorero ko iyo abarundi bari mu bunywero bari kumwe n’abandi batari abarundi, nk’abava mu gihugu ca Kongo boshobora kubamenya baravye ukuntu baganira.

Gukingira ururimi rwacu kugira ntirutakare biraba twese

Ntibasharira agira ati: ”Umwe wese ategerezwa kwishiramwo ko gukingira ururimi rwo karanga k’igihugu cacu ari igikorwa ciwe.” Ku bwiwe, abavyeyi boganiriza abana babo mu kirundi na cane cane ku mugoroba bakababwira akamaro ko guha agaciro ururimi rw’ikirundi.
Ku bwa Sedirike N, Reta ikwiye guha agaciro n’ikibanza kibereye ururimi rw’ikirundi mu mashure. Uwo musore avuga ko mu mashure hakwiye gutunganywa amahiganwa aho botanga ubushimwe ku babaye aba mbere. Ayo mahiganwa yoba afise intumbero yo kunagura no guteza imbere ururimi rw’ikirundi.

Ico mwiyumvira
  1. Ndabaramukije mwese,
    Ndaryohewe no kubona hariho abitayeho ikirundi cacu,
    Ndakunda ikirundi nfise indoto kubona umunsi umwe ikirindi cateye imbere
    Muraoze

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *