Uwabaye mwiza aba muzima

Mu gihe imvura isa n’iyatasuye Ndanibenga Godansi umupfasoni wo muri karatiye Shatanya amaze kubona ko komine Gitega ataco iri bumumarire mukubakurira amazirantoke yahora abahanze, yafashe umugambi wo gukorera isuku inzu zigerekeranye zose z’ababanyi biwe. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Imwe mu nyubakwa zahora zigeramiwe n’amazira ntoke ©Iwacu

Imwe mu nyubakwa zahora zigeramiwe n’amazira ntoke ©Iwacu

Bamwe bamwita Munyakigongwe abandi na bo bakamubona nk’umunyamwete akora ivyananiye abajejwe intwaro, uwo nawe ni Ndanibenga Godasi. Abanyagihugu bahora mu ngorane bivuye ku mazira ntoke yabateye ava mu mazu ari haruguru yabo muri Shatanya ya mbere bari ntibasiba komine ngo ibafashe gukura iyo myanda biciye ku gisata kijejwe isuku ca komine Stag , ico naco gushika n’ubu ntikirashobora kubatabara kikababwira ngo ahubwo kiguma na ntaryo kibatumirira gutunganya ama nama hanyuma batange uburyo.

Kubw’umukuru w’ico gisata Bizimana Aberi ngo ntaburyo bwari buhari. Ariko naho komine vyayitaye k’uw’amazi, umunyagihugu nyene imwe muri ayo mazu yahora ageramiwe we yarahabereye umugabo. Ivyo abandanya akora si agaseseshwa rumuri: Ntahengeshanya kurondera imiti yo kwica imicafu, yaraye asubiriye no kurondera abakozi, bimba ibinogo bazikamwo imicafu yose y’amazu agerekeranye, barazibura imiringoti yari yarazivye . Ivyo vyose uwo mupfasoni abikora avuga yuko abikoresha uburyo bwiwe kandi gushika ubu atararonka uwumufata mu mugongo.

Ndanibenga yiyemeje kuba mutarambirwa

“ Sinzorambirwa no gukora ivyo nshoboye vyose kugira ngwanye umwanda iwanje no mu babanyi ” ivyo ni ibivurwa n’umupfasoni Ndanibenga mu gihe imvura isa niyatasuye umwanda uri hagati yayo mazu ukaba wamaze gutemba ahantu hose. Ikibabaje ni uko igisata kijejwe Stag kibandanya kubagiriza kuba batakwikirije amasezerano biyemeje yo gutanga amafaranga 1200 ku kwezi kandi ku muhana. Ndanibenga ntahengeshanya kumenyesha ko ayo mahera yari menshi kandi ko mu ngorane be n’izo ataco baheza ngo babafashe kuko bakura imyanda mu binogo vyuzuye gusa ariko imiringoti izivye ntibayizibure .

Kuko komine yari isanzwe yaratumenyesheje ko ataburyo ifise twaregereye ishirahamwe ryiyemeje gufasha no guteza imbere abanyagihugu Avedec turabaza ko mu ngorane mwe n’izo harico bashobora gufasha araheza atumenyesha ko isuku risanzwe riri muvyo basanzwe bakoreramwo ariko ati:”Mu ngorane ziri mw’i Shatanya ntaco twofasha, kuko twebwe dukorera mu migambi miremire dufatanije n’intwaro.” Abandanya avuga ko na kare ari ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya poritike ,ko hariho abandi babijejwe ahubwo ko bobo atari ukuvuga ata kindi bashoboye.
Musitanteri wa komine Gitega akaba amenyesha yuko ico kibazo akizi kandi ko yamaze gutumako inama izoba igenekerezo rya 28 Myandagaro ihuza aberwa n’ico kibazo.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *