Uruzi Kanyosha ruriko rurasambura amazu

Uruzi Kanyosha ruriko ruhitana amazu ari hafi yarwo. Abanyagihugu barwegereye baratabaza ubutegetsi ngo bubakingire. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Kanyosha

Ikirabo kiriko kirasidagurika kiri kw’ibarabara rigabura Kinanira na Kanyosha ©Iwacu

Uruzi Kanyosha ruca mu gisagara ca Bujumbura, ni rumwe mu nzuzi zisanzwe zicukurwamwo amabuye n’umusenyi. Haruguru y’ikiraro ca mbere kiri kw ‘i barabara rija mu Rumonge, hari inzu iri ku nkengera y’urwo ruzi imaze kurusenyukiramwo. Iyo nzu iri muri karatiye Musama ya mbere aho benshi bazi kw’izina rya Kinogono. Bene iyo nzu yasidutse hamwe n’ababanyi babo ni bo baciye biyungunganya mu guseha imifuko irimwo umusenyi , baraheza bayitondeka aho hasenyutse kugira ntihagume biyongera : «  Twebwe n’ababanyi bacu gusa ni twe twagerageje kwikingira kuko nta n’umwe yashoboye kutugarukirako. » Bamenyesha yuko babuze n’uwubafasha kubasabira imfashanyo : « Twaciye tugira n’ingorane umukuru wa karatiye tubamwo aritaba Imana, kuko ni we yahora abivuga kwa musitanteri bakarungika ikimashini gikura umusenyi mu ruzi. »
Hafi y’ikindi kiraro kigabura Kinanira ya Kabiri na Kanyosha kw’ibarabara rya 12, na ho nyene imihana ihegereye irageramiwe cane. Ku metero nka 50 gusa hari igice c’ikirabo kimaze kurwa mu ruzi kandi biboneka neza yuko hakibandanya gusidagurika. Tubajije nyeneho yaranse kugira ico abitubwiyeko atari uko yavuze yuko amaze kugenderwa n’abantu banshi ariko ata n’umwe aragira ico amufashije. Ku metero nk’amajana 2, hari ikibanza muri urwo ruzi bacukuramwo umusenyi kandi bakaba bariko barimba begereza inkombe .Ivyo bikorwa biri mu bituma inkombe zica ziguma zisenyagurika kandi amazu na yo menshi ahubatse ari musi y’imetero 20 ku nkombe z’uruzi.

Musitanteri wa komine Kanyosha avuga ko azi ikibazo

Bampoye Burahimu Awudu, musitanteri wa komine Kanyosha aremeza yuko azi ico kibazo : « Twari twaravuze kuva kera yuko abantu baba ku nkengera z’uruzi Kanyosha bohimuka bakareka kuguma bubaka begereza inkombe zarwo. Ikindi ni uko duhora tubahimiriza ibikorwa rusangi kuza gufadikanya n’abandi gucira inzira uruzi ariko ntibigere babona akamaro kavyo. »
Musitanteri wa komine Kanyosha amenyesha yuko komine ata buryo ifise bwo gukingira inkengera z’uruzi Kanyosha. Atera akamo ubushikiranganji bw’ibidukikije, ubw’ibikorwa vye reta hamwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kwiga ico bakoze vuba imbere yuko iyindi mvura itasura.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *