Urudandazwa rujabuka imbibe : mu Kirundo abadandaza baragerageza gutorera umuti ingorane

Kuva ku wa 23 gushika kuwa 24 Gitugutu, abadandaza bato bato bo mu Gisuru barabonanye na bagenzi babo bo muri Kibondo( Tanzaniya) baravugana ku ngorane bagira ku mupaka. Bashaka gushiraho urwego rwo kuganira ngo batore inyishu.Vanditswe na Urakeza CĂ©dric-Soledad

Ifoto y’abitavye iyo nama y’i Kibondo muri Tanzaniya Ifoto y’abitavye iyo nama y’i Kibondo muri Tanzaniya ©Iwacu

Ifoto y’abitavye iyo nama y’i Kibondo muri Tanzaniya Ifoto y’abitavye iyo nama y’i Kibondo muri Tanzaniya ©Iwacu

Umurwa mukuru wa Kibondo uri ku birometero 50 uva ku mupaka wa Gisuru (Ruyigi). Abitavye inama barisanzura mu gushikiriza ibibazo vyabo. “Turagira ingorane zo kuronka urupapuro rw’amamuko y’ibidandazwa”, bivugwa na Juma Maulid, arongoye ishirahamwe ry’abadandaza b’i Tanzaniya, TCCIA. Avuga yuko barinda kuja i Dar-es-Salaam canke i Kigoma. Ati ntitwokwibagira amatagisi y’umurengera twakwa na OBR.
Mu Burundi, Ruyaga Jiriberi yari yaserukiye ubushikiranganji buraba umuryango wa Afirika y’ubuseruko, ati izo mpapuro zitangirwa i Bujumbura.

Ndikuriyo Ejide arongoye komine ya Gisuru avuga ingorane z’uruja n’uruza ku mupaka mu gihe ibiro vy’amaduwane n’ivy’igiporisi muri ivyo bihugu vyompi biri kure y’umupaka. Avuga ko ubushikiranganji bwo gutunganya amatongo bwari bwabasavye kurondera ikibanza gishasha bakabigira ariko n’ubu bakirindiriye.
Nyandwi Yeremiya, umukuru w’ishirahamwe “Dushire hamwe dukomeze ibikorwa” ry’abadandaza bo mu Ruyigi, arashimira ishirahamwe Forsc ryatunganije iyo nama. Ati no mu Burundi hariho abadandaza birinda guca ku mipaka ngo ntibatange amakori. “Ni kimwe mu bituma urudandazwa rudakomera ku mipaka.” Uwundi mudandaza avuga yuko bamwe muri bo batazi ico amategeko avuga ku matagisi.

Aranegura ugutevya ibikorwa vy’ukubaka isoko ya Mukarazi abarundi barindiranye igishika. Ngo naho izokwubakwa ku butaka bwa Tanzaniya, abarundi bazoba bafise akarusho kwo kudatanga za mureke arengane mu kuhashika. Ati hokwubakwa n’utuzu tw’abavunja amafaranga ku mipaka n’ibiciro bigakwirikiranwa neza.
Mu zindi ngorane badondaguye harimwo ibiturire vyakwa n’abaporisi, ivya magendo, uburyo bwo gutwara ibintu bwa kera, n’ibindi.

Niyonzima Renovato, umukozi wa OBR mu Gisuru avuga yuko abakiriya bose baronka ivyo bipfuza ariko ngo ntibazi amategeko abagenga. Ku biraba urupapuro rw’amamuko, avuga yuko inzego zibakurira zabahaye uburenganzira bwo kutarusaba mu gihe ibidandazwa biba bivuye mu makomine ahegereye. Ati nk’akarorero iyo ari umuceri, urwo rupapuro bararusaba kuko ushobora kuva mu bihugu nka Pakisitani n’ahandi. Ibindi bidandazwa ngo ntibiza vyugawe hakoreshejwe Plomb.

Inama bene izo ngo zirakomeza umubano mwiza usanzwe uhari ico bita “Ujilani mwema”. Ivyo bimenyeshwa na Nkunzimana Vareriya, umuhanuzi wa buramatari wo mu Ruyigi ajejwe ubutunzi. Arashima ako kigoro kazoba kimwe mu bituma iterambere muri iyo ntara.
Ico gikorwa rero kiri mu mugambi werekeye ukwongerereza ubumenyi abanyagihugu mu bijanye n’amaduwane, kugira hagwizwe uruja n’uruza rw’ibidandazwa hagati y’ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi. Washizweho n’ishirahamwe Forsc rishigikiwe na Trade Mark East Africa.
———————————————————————————————————-
Ku bw’uwukwirikirana uwo mugambi mw’ishirahamwe Forsc, izotuma hamenyekana “ingorane zihanze imisi yose abadandaza bato bato b’abarundi muri Tanzaniya”. Akarere uwo mugambi uzokoreramwo mu Burundi kagizwe n’intara za Ruyigi, Muyinga, Makamba, hamwe n’uturere twa Kigoma, Kibondo na Ngara muri Tanzaniya.
Kugirango uwo mugambi ushikire vy’ukuri abo wagenewe, Nkurunziza abahanura kuwugira uwabo ngo uzobagirira akamaro. Ngo uwo mugambi uzohera muri Ruheshi 2015 akizera yuko abadandaza b’abarundi n’abatanzaniya bazoba bamaze gushiraho urwego bayagiramwo kugira ntibiherere ngaho.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *