Unyoye amata yanguyemwo imbeba

Habaye umugabo w’umwimanyi rurangiranwa. N’aho yaba umwana wiwe ntakintu yashobora kumuha.Umusi umwe haza umuntu anyotewe cane mugabo bakaba baramubwiye ko uwo muntu yimana cane. Ubona ko uwubuze n’uko agira agira nabi, wa muntu ararenguka mw’irembo asanga serugo araramye ku gatebe. Na we ati: ”Ntabara se nyakuvyara ugaheka umpe utuzi two kunywa.” Uwuri uwundi yinjira mu nzu amuzanira ikirahuri cuzuye amata. Wa muntu aragotomera. Akanyota gapfuvye atangura kumuhezagira ati: ”Uragahorana ivyuzuye, uragasaza wisaba. Uze Ugire ivyo utanga n’ivyo usigarana. Uwukwanka arakarya intozi. Bari barakubesheye ngo nta na bwakeye utanga none umpaye amata. Nari naje nzi ko utampa amazi.” Umwimanyi ati: ”Emwe! Aho ubona ntibakubeshe na gato. Ayo unyoye yaguyemwo imbeba n’ijoro”.

Weho utanga iki?

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *