Umuziki w’Uburundi uriko uranagurwa

Ikigo c’Abafaransa c’i Gitega gifadikanije n’ishuri y’umuziki yo muri iyo ntara nyene baratanze impapuro z’umutsido ku rwaruka rwahawe inyigisho zijanye n’uko umuziki wandikwa ukaririmbwa. – Vyizigiro Jimi Erevisi

Musenyeri Baransananikiye Yusito : « Umugambi watanguriye i Gitega ugiye gukwizwa mu ntara zose z’Uburundi » ©Iwacu

Musenyeri Baransananikiye Yusito : « Umugambi watanguriye i Gitega ugiye gukwizwa mu ntara zose z’Uburundi » ©Iwacu

Imikangara igera kuri 22 y’i Gitega yaheruka kuronswainyigisho zijanye n’amategeko y’uko umuziki wandikwa n’uko ururirimbwa kuva kw’igenekerezo rya 07 Mukakaro gushika 23 Myandagaro yaraye ironkejwe impapuro z’umutsindo. Ivyigwa vyatanzwe n’umuririmvyi w’umukurambere Musenyeri Baransananikiye Yusito ari nawe arongoye ico kigo : « Umugambi watanguriye i Gitega ugiye gukwizwa mu ntara zose z’Uburundi ». Uwurongoye ikigo c’Abafaransa muri iyo ntara ari nabo bafashije iyugururwa ry’iyo shuri, arashima umugambi mwiza wo gusubiza akanovera umuziki w’Uburundi usa n’uwatitutse. Ndayikengurukiye Ronjino : « Ikigo c’abafaransa hano mu ntara ya Gitega kiranezerejwe n’ibikorwa vy’iri shure ry’umuziki kuko baje kugarukira igisata gisa nikitari kitacitaweho nkuko bikwiye na cane cane mu kuronsa inyigisho urwaruka. »

Abakwirikiranye inyi gisho z’umuziki mu ntara ya Gitega ©Iwacu

Abakwirikiranye inyi gisho z’umuziki mu ntara ya Gitega ©Iwacu

Abaronkejwe izo mpapuro nabonyene barashima izo nyigisho : « Ntitugiye kwicarika mu nzu ubu bumenyi, ahubwo tugiye kubandanya kwongererezako ubundi bumenyi maze twisunge abaririmvyi baho hambere hahise. »

Uwo mugambi ugiye gukwiragizwa mu gihugu cose

Umuririmvyi Musenyeri Baransananikiye Yusito arongoye ikigo cigisha umuziki kiri mu ntara ya Gitega yaciye aboneraho akaryo ko gutanguza umugambi wo kwigisha abazokwigisha abandi mu ntara zose ivyigwa vy’ubuhinga bw’umuziki hamwe n’ubumenyi. Yamenyesheje kandi yuko izo nyigisho zizomara umwaka umwe.Avuga kandi ko atawuzokwigisha mur’ayo mashure atahawe izo nyigisho, zizotangirwa na zo nyene urupapuro rw’umutsindo, zikaba zizokwugururwa icese itariki 22 Nyakanga 2014, mu Kigo c’abafaransa c’i Gitega.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *