Umuturagaro uvuze muri sabe bararira

Sabe ni hafi y’ahakorera ishirahamwe rya BNUB kw’ibarabara rija mu Gatumba. Mu mvura amazi arinjira no mu mazu agatuma n’amabarabara adahita. Abahaba basaba abobagarukirako. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Sabe

Ikidengeri c’amazi mw’ibarabara ryo muri Sabe ©Iwacu

Si agaseseshwarumuri, ugishikayo ushikira kubidengeri, amabarabara ntahita, imiduga ntishobora kurengana amabarabara yaho. Abahinga bo kuhagenda bagendera ku mabuye aba ari muri ico kiziba.
Uko winjira muri iyo karatiye ni ko uguma winjira mu bidengeri vy’amazi vyinshi. H.Deni twahahuriye ati: «Aha ni ko hama imyaka yose iyo imvura iguye.Kandi aha ubona haragendeka.» Yabandanije avuga yuko kugira ayo mazi akame amabarabara asubire guhita neza bimara hafi indwi zibiri. Avuga yuko yari amaze imisi ari umunyezamu w’inzu yariko irubakwa, ariko yayivuyemwo yiruka kuko yasenyutse yose.
Deni ati: «Namaze imisi ibiri muri iyo nzu narabuze ingene noshika hanze, nari ndindiriye yuko amazi agabanuka. Kuba muri Sabe birateye ubwoba cane kuko na bene amazu umenga nta co babibonamwo, na mwene iyo nari ncunze ntarigera ahahonyoza ikirenge muri iyi misi.»

Habayo bande ?

Sabe ni agace k’igisagara karimwo amahinguriro menshi, ni co gituma amazu abantu babamwo ari make cane. Abantu benshi bahaba bagizwe n’abazamu hamwe n’abakozi bo mu mirima. Deni aremeza yuko ari na co gituma abategetsi bo hejuru batihutira gutora inyishu y’izo ngorane kuko haba abantu bato bato gusa: «Abategetsi nta co babibonamwo kuko haba ba nyarucari gusa.»
Nduwayo Jiriberi, nyumbakumi wa Sabe, amenyesha yuko uwo mwuzure bamaze kuwumenyera kuko biba buri mwaka. Amenyesha kandi yuko sbene amazu ata co bashaka gukora: «Aha ndahamaze imyaka itatu, kandi ibintu bitera vyunyuka cane. Bene amatongo n’amazu ngaha bari bakwiye kuja hamwe bakubaka imivo ishobora gutuma amazi atemba neza.»
Deni yahavuye atwereka umugenzi wiwe aho muri Sabe, azwi nk’umunyamugisha yahiriwe, kubera afise ibirato vy’imibirikira: « Kuva ku nkombe uja ku yindi wambaye ivyo birato ugenda ubudoge. Uwo ahaye ivyo birato atembera neza ngaha ata ngorane. Ariko ntabitanga ku buntu kuko kujabuka ikidengeri uca umuha amajana atanu. Ariko iyo amazi ari menshi cane ntikibuza yuko urushanga rukwinjirana muri iyo mibirikira.»
Gahungu Dezire, musitanteri wa komine Ngagara isanzwe irimwo Sabe, avuga yuko komine arongoye ata co yoshobora gufasha, ko ahubwo ari igikorwa c’igisata kijejwe gutunganya ibisagara. Abandanya avuga yuko igikwiye ari gutaka abagiraneza kugira bagarukire kuri abo bantu. Igishoka cibonekeza ni uko abo bantu bo muri Sabe batagira ikibavugira ku bategetsi babijejwe ngo bafate ingingo zibereye.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *