Umusirikare aragiriza abaporisi bamuhuraguye

Nijimbere Korode, umukaporare mu gisirikare, aheruka gukubitwa ubwa kabiri. Umuvugizi w’urwo rwego amusaba gushengeza abamukubise. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi
Carricature«Nahohotewe n’abaporisi be n’urwaruka rw’umugambwe Cndd-Fdd», kaporare Nijimbere Korode arabagiriza. Uwo mushoferi wo mu karere ka mbere ka gisirikare afise ibikomere ku maboko. Ijisho ryiwe ry’iburyo ryarashikiriwe. Arafise n’ububabare mu gikiriza.
Ku bw’uwo yahohotewe, ivyago vyamushikiye mw’ijoro ryo ku wa 8 Ntwarante isaha zine z’ijoro. Nijimbere yari atashe avuye ku kazi ka misi yose, atambaye umwambaro w’akazi. Ashitse aho badandaza ibitoro mu Kanyosha kuri King Star, haje umuntu amusotora. Ati: “Nagirango ni umusuma.” Uwo musirikare yaramwikuye aritahira mu Gisyo muri komine Kanyosha.
Ariko rero ngo abandi bantu baciye bamuhagarika batangura kumukubita buno nyene. Ngo yaragerageje guhunga biranka: “Bararenga kuri cumi. Barafashe terefone yanje, barankubita cane baca baja guhamagara abaporisi batatu.” Nijimbere rero ngo yarasiguriye abo baporisi yuko ari umusirikare, arabereka n’urukaratasi ruvyemeza, ariko ntibashatse kumwumviriza.

Abaporisi bati twatanzwe

Kaporare Nijimbere yemeza yuko abo baporisi baciye bamurengerako baramukubita bamwagiriza ko ari umunywanyi wa Msd: «Bampuragura inkoni n’imikaba yabo. » Baciye bamwambika amapingu, bamujana kw’ikomine mu Kanyosha. Ati: «Bagiye kumbohora nka samunani z’ijoro harinze kuza umukomanda w’abasirikare bakora nk’abaporisi(police militaire).»
Kaporare Nijimbere aremeza kandi yuko yigeze guterwa n’abantu ku wa 31 Kigarama 2013 bamwagiriza yuko ari umunywanyi wa Msd. Ku bwiwe rero ngo nta mugambwe n’umwe arimwo: «N’amategeko ntarekurira abasirikare kwinjira mu migambwe.» Asaba urwego rw’igisirikare yuko rwoba ruramuronsa aho aba mw’ikambi kuko ageramiwe. Ku rwego rw’igiporisi na rwo, asaba yuko hohagarikwa abo baporisi batatu bamuhohoteye.
Koroneri Baratuza Gasupari, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, asigura yuko uwo mukaporare yokwitura inzego zimurongoye mu karere ka mbere ka gisirikare. Ati: «Bazofata ingingo yo kumushira mw’ikambi y’abasirikare canke bamwongerereze umutekano baravye uko ibintu vyifashe.»  Ariko rero, yemeza yuko urwego rw’igisirikare rudashobora kwitwara mu kibanza ciwe. Uwo mwene gusindirwa ni we ngo yokwitura inzego z’ubutungane: «Abamutwara ku rwego rw’intara ya mbere ya gisirikare bazomwereka abo yitura mu butungane.»
Harimenshi Heremenejiridi, umuvugizi w’urwego rw’igiporisi, amenyesha yuko hari umurwi wamaze gushirwaho kugirango urabe abo vyagira.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *