Umushingwamanza Rufyikiri yarahatswe kwinjizwa mu Mpimba

Umushingwamanza Rufyikiri Zidori avuga yuko ivyo yagirizwa ari irementanya, yararekuwe inyuma y’amasaha ane n’igice arenga ari muri sentare nkuru irwanya igiturire, mu gihe imitahe yo kumwinjiza mw’ibohero rikuru rya Mpimba yari yamaze gusohorwa. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Rufyikiri et sa femme

Rufyikiri ahejeje kurekurwa ari kumwe n’umupfasoni wiwe ©Iwacu

Mu gihe sentare nkuru irwanya igiturire imaze imisi yagiriza umushingwamanza Rufyikiri Zidori kuba yanyuruje amahera y’ishirahamwe asanzwe arongoye CEBAC (Centre d’arbitrage et de Conciliation) agera ku madorari y’abanyamerika ibihumbi 250, ntiyigeze avyemera. Afashijwe n’abashingwamanza biwe arabeshuza ivyo yagirizwa akavuga ko ahubwo ari irementanya rya reta ryo gushaka kumutera ubwoba kugira bamubuze kuza aratunga urutoke ubutegetsi bwa Cndd-Fdd ku vyo buba buriko burakora bitagenda neza.

Ryoba ari ihorihori hagati ya Rufyikiri Zidori na reta ?

Umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, Rufyikiri Zidori aremeza ko ivyo yagirizwa bitari vyo na gato, ko yoba yarihaye amafaranga atagishije inama abo basanzwe bakorana. Agira ati: «Ayo mafaranga twayahawe n’umugambi Page wo mw’ibanki y’isi yose, nta musi n’umwe ntatanze icegeranyo c’ibikorwa vyakozwe muri ayo mafaranga.» Abandanya avuga ko mbere banamuhaye agashimwe ko kuba yakoresheje neza ayo mafaranga. Abandanya avuga kandi ko igihe cose yaja inama n’abo bakorana. Ikindi na co, ivyo bavuga ko bamuhamagaje ariko ntiyitabe, avuga ko ata na rimwe yigeze yanka kwitaba.
Uwo mushingwamanza ati: “Ubutegetsi bwa Cndd-Fdd twarabumenye, mu gihe cose hagize uwunegura ibikorwa bakora, ica mbere biyumvira ni kumurementaniriza kugira bamute mu munyororo. » Intumbero y’ivyo bamwagiriza ku bwiwe, ni kugira bacafuze izina ryiwe, kuko bafise ubwoba rw’urubanza yashingishije i Arusha muri Tanzaniya muri sentare y’umuryango wa Afirika y’ubuseruko.

Yataburijwe imitahe ibiri yo kumwinjiza mu Mpimba arayisimba

Ku musi wagatatu itariki 8 Nzero 2013, nk’igihe c’isaha zibiri n’igice, Rufyikiri Zidori ni ho yashika muri sentare irwanya ibitutire, ari kumwe n’abasanzwe bamuburanira batanu. Ariko yinjiye kugira abazwe, abacamanza bakaba bamusavye ko yofashwa n’umushingwamanza umwe canke babiri gusa. Rufyikiri akaba yaranse iyo ngingo: ”Kugira abamburanira benshi ni uburenganzira bwanje.”Ahejeje gusohoka atumvirijwe, haciye hasohoka umutahe wo kumuhagarika uzanywe n’abaporisi babiri.
Uwo mutahe ukaba wari wanditseko ko yagirizwa kunyuruza amatungo. Haheze akanya gato, umushingwamanza Rufyikiri Zidori ari kumwe n’abamuburanira ni ho yaza abona uwundi mutahe usohorwa na Ndayikunda Mariya icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare nkuru irwanya ibiturire, wanditse ko yagirizwa gutunganya nabi amatungo y’uwo mugambi, uyo mutahe ukaba wari utandukanye n’uwa mbere. Abari aho bakubiswe n’inkuba kubona hasohoka imitahe ibiri mu masaha abiri nyene, bikabonekako umugambi wo kumujana mu Mpimba wari ntabanduka.
Umushingwamanza Kabayabaya Bonezimu asanzwe aburanira Rufyikiri ati: “Ikigo CEBAC si ica reta kandi mu gihe kitituye ubutungane nta bubasha bafise bwo gukwirikirana ivyaco.”

Me Sinarinzi

Sinarinzi Gaburiyeri: “Rufyikiri Zidori arafise ubudahangarwa.” ©Iwacu

Sinarinzi Gaburiyeri na we nyene aburanira Rufyikiri yamenyesheje yuko uwo aburanira afise ubudahangarwa ahabwa n’amategeko kuko yigeze kuba icariho c’umukuru wa sentare isubiramwo imanza.
Inyuma y’imibonano itari mike hagati y’umushikirizamanza mukuru hamwe n’abasanzwe baburanira Rufyikiri Zidori na Mbonimpa Petero Karavera asanzwe arongoye ishirahamwe rikurikirana abapfunzwe n’agateka ka zina muntu, ni ho hafashwe ingingo yo kumurekura, akazosubira kwumvirizwa ku rindi sango ritamenyeshejwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *